1 Ngoma10

Sawuli yiyahura

1Maze Abafilisitiya bagwanya Abisirayeli; Abisirayeli barata barahunga, kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa.2Abafilisitiya babirukako basugereza Sawuli n’abahungu biwe, bica abahungu biwe Yonatani, Abinadabu na Maluki-Shuwa.3Maze Sawuli urugamba rumumerera nabi cane, abanyamiheto baramurasa baramukomeretsa.
4Sawuli abwira uwari amutwaje ibigwanisho ati: “Sokora inkota yawe unsogote, kugira ngo izo ntakebwa ntizimfate ngo zinyice nabi.”
Ariko uwamutwaza ibigwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota yiwe ayisukako.
5Umwe yamutwaza ibigwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene yisuka ku nkota yiwe arapfa.6Nuko Sawuli n’abahungu biwe batatu barapfa, n’abo mu nzu yiwe bose bagwa hamwe.
7Abisirayeli bose bari mu kiyaya babonye ko ingabo zahunze kandi ko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Maze Abafilisitiya baraza babibamwo.
8Bukeye, Abafilisitiya baja aho urugamba rwabereye kwambura abapfuye ibigwanisho n’ibintu vyabo vy’agaciro, basanga Sawuli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa.9Bamuca umutwe, bamwambura n’ibigwanisho vyiwe, baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya ngo bakwize iyo nkuru mu ngoro z’ibigirwamana vyabo no mu bantu.10Baca bashira ibigwanisho vyiwe mu ngoro y’ibigirwamana vyabo, umutwe wiwe bawumanika mu ngoro y’ikigirwamana Dagoni.
11Maze ab’i Yabeshi Gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bakoreye Sawuli vyose,12abagabo bose b’abahizi baragenda batora imivyimba ya Sawuli n’abahungu biwe bayijana i Yabeshi. Bahamba amagufa yabo musi y’igiti kinini i Yabeshi, baca bisonzesha kumara imisi indwi.
13Nuko Sawuli apfa azize kutaba umwizigirwa k’Uhoraho, kutazigama ijambo yabwiwe n’Uhoraho no gusiguza uwuhamagara imizimu,14aho gusiguza Uhoraho. Nuko Uhoraho aramwica aca agabira ingoma yiwe Dawidi mwene Isayi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e