1 Ngoma8
Ba sekuruza ba Sawuli Umubenyamini
1Benyamini yari afise imfura yitwa Bela, umuhungu wiwe wa kabiri akitwa Ashibeli, uwa gatatu na we akitwa Ahara,2uwa kane ni Noha, uwa gatanu ni Rafa.3Bene Bela bari: Adari, Gera, Abihudi,4Abishuwa, Namani, Ahowa,5Gera, Shefufani na Huramu.6Aba ni bo bakomoka kuri Ehudi, bari abakuru b’amazu y’ababa i Geba bajanywe ari inyagano i Manahati:7Abahungu ba Ehudi bari Namani, Ahiya, na Gera. Uwo Gera ni we yabajane ari inyagano, kandi ni we yari se wa Uza na Ahihudi.8Hari abahungu Shaharayimu yavyariye i Mowabu amaze kwirukana abagore biwe Hushimi na Bayara.9Ku mugore wiwe Hodeshi yavyaye Yobabu, Zibiya, Mesha, Malukamu,10Yewuzi, Sakiya na Miruma. Abo bari abahungu biwe, bakaba abakuru b’amazu.11Kuri Hushimi yavyaye Abitubi na Elupayali.12Bene Elupayali ni: Eberi, Mishamu, Shemedi (ari we yubatse i Ono n’i Lodi n’ibigwati bihakikije),13na Beriya na Shema, bari abakuru b’amazu y’ababa i Ayaloni basohoye ababa i Gati.14Ahiyo, Shashaki, Yeremoti,15Zebadiya, Aradi, Ederi,16Mikayeli, Ishipa na Yoha bari bene Beriya.17Zebadiya, Meshulamu, Hizuki, Heberi,18Ishimerayi, Iziliya na Yobabu bari bene Elupayali.19Yakimu, Zikuri, Zabudi,20Eliyenayi, Ziletayi, Eliyeli,21Adaya, Beraya na Shimurati bari bene Shimeyi.22Ishupani, Eberi, Eliyeli,23Abudoni, Zikuri, Hanani,24Hananiya, Elamu, Antotiya,25Ifideya na Penuweli bari bene Shashaki.26Shamusherayi, Shehariya, Ataliya,27Yayareshiya, Eliya, na Zikuri bari bene Yerohamu.28Abo bose bari abakuru b’amazu, baganza nk’uko vyanditswe mu rutonde rwerekana ingene abantu bagenda bararondoka, kandi baba i Yerusalemu.29Se wa Gibeyoni yaba i Gibeyoni. Umugore wiwe yitwa Mayaka,30kandi imfura yiwe yari Abudoni, agakurikirwa na Zuri, Kishi, Bayali, Neri, Nadabu,31Gedori, Ahiyo, Zekeri32na Mikuloti, yari se wa Shimeya. Na bo nyene babana n’abo mu miryango y’iwabo i Yerusalemu.33Neri yari se wa Kishi, Kishi se wa Sawuli, Sawuli se wa Yonatani, Maluki-Shuwa, Abinadabu na Eshibayali.34Mwene Yonatani, ni Meribu-Bayali, na we akaba yavyaye Mika.35Bene Mika, ni Pitoni, Meleki, Tareya na Ahazi.36Ahazi yari se wa Yehoyada, Yehoyada yari se wa Alemeti, Azimaveti na Zimuri, Zimuri na we akaba se wa Moza.37Moza yari se wa Bineya, Bineya ni se wa Rafa, Rafa se wa Eleyasa, Eleyasa se wa Azeli.38Azeli yari afise abahungu batandatu, kandi aya ni yo mazina yabo: Azurikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanani. Abo bose bari bene Azeli.39Abahungu b’umuvukanyi wiwe Esheki bari: Ulamu imfura yiwe, Yewushi uwa kabiri, na Elifeleti uwa gatatu.40Bene Ulamu bari abahizi mu ntambara bashobora kurasisha umuheto. Bari bafise abahungu benshi, n’abuzukuru benshi bashika ijana na mirongo itanu bose. Abo bose bakomoka kuri Benyamini.Biblica, Inc.