1 Ngoma7

Abakomoka kuri Isakari

1Bene Isakari ni: Tola, Puwa, Yashubi na Shimuroni, bose bari bane.2Bene Tola ni: Uzi, Refaya, Yeriyeli, Yahimayi, Ibusami, na Samweli, abakuru b’inzu zabo. Ku ngoma ya Dawidi, abakomoka kuri Tola bari mu runganwe rw’abagwanyi b’abahizi bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana atandatu.3Abakomoka kuri Uzi ni: Izirahiya. Abakomoka kuri Izirahiya ni: Mikayeli, Obadiya, Yoweli na Ishiya. Uko ari batanu bari abakuru b’amazu.4Ukurikije urutonde rw’ingene bagiye bararondoka, bari bafise abantu ibihumbi mirongo itatu na bitandatu biteguriye kuja ku rugamba, kubera bari bafise abagore n’abahungu benshi.5Abo mu nzu zigize umuryango wa Isakari bari mu runganwe rw’abagwanyi b’abahizi, bose hamwe bari ibihumbi mirongo umunani n’indwi.

Benyamini

6Bene Benyamini batatu ni: Bela, Bekeri na Yediyayeli.7Bene Bela ni: Eziboni, Uzi, Uziyeli, Yerimoti na Iri, abakuru b’imiryango: bose bari batanu. Urutonde rw’abari mu runganwe rwo gushobora kuja mu rugamba bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri na mirongo itatu na bane.8Bene Bekeri ni: Zemira, Yowashi, Eliyezeri, Eliyowenayi, Omuri, Yeremoti, Abiya, Anatoti na Alemeti. Abo bose bari bene Bekeri.9Urutonde rwabo, hakurikijwe ingene urunganwe rwagenda rurakurikirana n’urundi, rwerekana abakuru b’amazu agize uwo muryango, abagwanyi b’inkomezi, ibihumbi mirongo ibiri n’amajana abiri.10Mwene Yediyayeli ni: Biluhani. Bene Bilihani ni: Yewushi, Benyamini, Ehudi, Kenayana, Zetani, Tarushishi na Ahishahari.11Abahungu bose bene Yediyayeli bari abakuru b’amazu agize uwo muryango wabo. Hari ibihumbi cumi n’indwi n’amajana abiri vy’ingabo biteguriye kuja ku rugamba.12Shupimu na Hupimu bakomoka kuri Iri, Hushimu na we agakomoka kuri Aheri.

Nafutali

13Bene Nafutali ni: Yahuziyeli, Guni, Yezeri na Shalumu, bakomoka kuri Biluha.

Manase

14Abakomotse kuri Manase ni: Asiriyeli akomoka kuri we yamuvyaranye n’incoreke yiwe y’Umwaramukazi. Ni we yavyaye Makiri se wa Gileyadi.15Makiri aronderera umugore Hupimu na Shupimu. Mushikiwe yitwa Mayaka. Uwundi akomoka kuri we ni Zelofehadi, yavyaye abakobwa gusa.16Mayaka Muka Makiri yavyaye umuhungu amwita Pereshi. Umuvukanyi wiwe yitwa Shereshi, kandi abahungu biwe bari Ulamu na Rakemu.17Mwene Ulamu ni: Bedani. Abo ni bo bari bene Gileyadi mwene Makiri, mwene Manase.18Mushikiwe Hamoleketi yavyaye Ishihodi, Abiyezeri na Mahila.19Bene Shemida bari: Ahiyani, Shekemu, Likihi na Aniyamu.

Efurayimu

20abakomoka kuri Efurayimu ni: Shutela, umuhungu wiwe Beredi umuhungu wiwe Tahati, umuhungu wiwe Eleyada, umuhungu wiwe Tahati,21umuhungu wiwe Zabadi, n’umuhungu wiwe Shutela. Ezeri na Eladi bishwe n’imvukira z’i Gati, igihe bamanuka ngo bazinyage imikuku yazo.22Sewabo Efurayimu yabagandariye imisi myinshi, maze incuti ziwe ziraza ziramuremesha.23Maze yongera kuryamana n’umugore wiwe, aca asama inda, avyara umwana w’umuhungu. Se aca amwita Beriya, kuko mu nzu yiwe hari harateye ivyago.24Umukobwa wiwe yari Shera, ari we yubatse Beti-Horoni y’epfo n’iya ruguru hamwe na Uzeni-Shera.25Ni we yavyara Refa, na we akavyara Reshefu, na we akavyara Tela, na we akavyara Tahani,26na we akavyara Ladani, na we akavyara Amihudi, na we akavyara Elishama,27na we akavyara Nuni, ari we se wa Yosuwa.28Amatongo yabo n’ibisagara vyabo vyarimwo Beteli n’ibigwati bihakikije, Nayarani mu buseruko, Gezeri n’ibigwati vyaho mu burengero, na Shekemu n’ibigwati vyaho kubandanya gushika i Ayiya n’ibigwati vyaho.29Abakomoka kuri Manase bagarukira i Beti-Shani, Tanaki, Megido na Dori, hamwe n’ibisagara vyaho. Abakomoka kuri Yosefu mwene Isirayeli baba muri ivyo bisagara.

Asheri

30Bene Asheri ni: Imuna, Ishuva, Ishuvi na Beriya. Mushiki wabo yari Sera.31Bene Beriya ni: Heberi na Malukiyeli, yari se wa Biruzayiti.32Heberi yari se wa Yafuleti, Shomeri na Hotamu na mushiki wabo Shuwa.33Bene Yafuleti ni: Pasaki, Bimuhali na Ashuvati. Abo ni bo bari bene Yafuleti.34Bene Shemeri ni: Ahi, Rohiga, Huba na Aramu.35Abahungu b’umuvukanyi wiwe Helemu ni: Zofa, Imuna, Sheleshi na Amali.36Bene Zofa ni: Suwa, Haruneferi, Shuwali, Beri, Imura,37Bezeri, Hodi, Shama, Shilusha, Itirani na Bera.38Bene Yeteri ni: Yefune, Pisipa na Ara.39Bene Ula ni: Ara, Haniyeli na Riziya.40Abo bose bakomoka kuri Asheri, bari abakuru b’inzu, abantu b’indobanurwa, abagwanyi b’abahizi kandi bakaba n’abarongozi b’intwari. Igitigiri c’abari mu runganwe rwo gushobora kuja mu rugamba, nk’uko vyari ku rutonde rw’ingene abantu bagiye bararondoka, bari ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e