1 Ngoma3

Bene Dawidi

1Aba ni bo bahungu Dawidi yavyariye i Heburoni:
imfura yiwe ni Amunoni, nyina yari Ahinowamu w’i Yezireyeli; uwa kabiri ni Daniyeli, nyina yari Abigayili w’i Karumeli;
2uwa gatatu ni Abusalomu, nyina yari Mayaka umukobwa wa Talumayi umwami w’i Geshuri; uwa kane ni Adoniya, nyina yari Hagiti;3uwa gatanu, Shefatiya, nyina yari Abitali; n’uwa gatandatu, Itureyamu, uwo yavyaranye n’umugore wiwe Egula.
4Abo uko ari batandatu ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni, aho yamaze imyaka indwi n’amezi atandatu ari umwami.

Imyaka Dawidi yamaze ari umwami i Yerusalemu ni mirongo itatu n’itatu,
5kandi aba ni bo bana yavyariye i Yerusalemu:
Shimeya, Shobabu, Natani na Salomo. Abo uko ari bane yabavyaranye na Batisheba umukobwa wa Amiyeli.
6Hariho na Ibuhari, Elishama, Elifeleti,7Nogahu, Nefegi, Yafiya,8Elishama, Eliyada na Elifeleti, bose hamwe bari icenda.
9Abo bose ni bo bari bene Dawidi, udashizemwo abo yavyaranye n’incoreke ziwe. Kandi Tamari ni we wenyene yari mushiki wabo.

Abami b’i Buyuda

10Abakomoka kuri Salomo ni Rehobowamu umuhungu wiwe, Abiya umuhungu wiwe, Asa umuhungu wiwe, Yehoshafati11umuhungu wiwe, Yoramu umuhungu wiwe, Ahaziya umuhungu wiwe, Yowashi12umuhungu wiwe, Amaziya umuhungu wiwe, Azariya umuhungu wiwe, Yotamu13umuhungu wiwe, Ahazi umuhungu wiwe, Hezekiya umuhungu wiwe, Manase14umuhungu wiwe, Amoni umuhungu wiwe na Yosiya umuhungu wiwe.15Abagiye ku ngoma inyuma ya Yosiya ni aba: imfura yiwe Yohanani, umuhungu wiwe wa kabiri Yehoyakimu, umuhungu wiwe wa gatatu Zedekiya, umuhungu wiwe wa kane Shalumu ari we Yehowahazi,16Abagiye ku ngoma inyuma ya Yehoyakimu ni aba: umuhungu wiwe Yehoyakini ari we Yekoniya hamwe n’umuhungu wiwe Zedekiya.

Abo mu nda y’ingoma inyuma yo kuba inyagano

17Abo mu ruvyaro rwa Yehoyakini yajanywe ari inyagano ni: umuhungu wiwe Sheyalutiyeli,18Malukiramu, Pedaya, Shenazari, Yekamiya, Hoshama na Nedabiya.19Bene Pedaya ni: Zerubabeli na Shimeyi. Bene Zerubabeli ni: Meshulamu na Hananiya. Shelomiti yari mushiki wabo.20Hariho n’abandi batanu ari bo: Hashuba, Oheli, Berekiya, Hasadiya na Yushabu-Hesedi.21Abakomoka kuri Hananiya ni: Pelatiya na Yeshaya, n’abahungu ba Refaya, ba Arunani, ba Obadiya n’aba Shekaniya.22Abakomoka kuri Shekaniya ni: Shemaya n’abahungu biwe: Hatushi, Igali, Bariya, Neyariya na Shafati, bose bari batandatu.23Bene Neyariya ni: Eliyowenayi, Hezekiya na Azirikamu, bose bari batatu.24Bene Eliyowenayi ni: Hadoviya, Eliyashibu, Pelaya, Akubu, Yohanani, Delaya na Anani bose, bari indwi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e