1 Ngoma2
Bene Isirayeli
1Aba ni bo bahungu ba Isirayeli: Reyubeni, Simeyoni, Lewi, Yuda, Isakari, Zebuloni,2Dani, Yosefu, Benyamini, Nafutali, Gadi na Asheri.Yuda
Kugeza kuri bene Hezironi
3Bene Yuda ni aba: Eri, Onani na Shela. Abo uko ari batatu yari yabavyaye ku Munyakananikazi, umukobwa wa Shuwa. (Eri, imfura ya Yuda yari umunyakibi mu nyonga z’Uhoraho; nuko Uhoraho aramwica.)4Yuda yavyaye Perezi na Zera ku mukazana wiwe Tamari. Yuda yari afise abahungu batanu bose hamwe.5Bene Perezi ni aba: Hezironi na Hamuli.6Bene Zera ni aba: Zimuri, Etani, Hemani, Kalikoli na Daruda: bose hamwe bari batanu.7Mwene Karumi yari: Akani, yateje amagorwa menshi Abisirayeli mu kunyuruza ibintu vyari vyagizwe inyegu y’Uhoraho.8Mwene Etani yari: Azariya.9Bene Hezironi bari: Yerahimeyeli, Ramu na Kalebu.Abakomotse kuri Ramu mwene Hezironi
10Ramu ni we se wa Aminadabu, Aminadabu avyara Nahashoni, yari umukuru w’umuryango wa Yuda.11Nahashoni yari se wa Salumoni, Salumoni yavyaye Bowazi,12Bowazi yavyaye Obedi maze Obedi avyara Isayi.13Isayi yari se wa Eliyabu imfura yiwe; umuhungu wiwe wa kabiri yari Abinadabu, uwa gatatu yari Shimeya,14Uwa kane Netaneli, uwa gatanu Radayi,15uwa gatandatu Ozemi n’uw’indwi Dawidi.16Bashiki babo bari Zeruwiya na Abigayili. Bene Zeruwiya batatu bari Abishayi, Yowabu na Asaheli.17Abigayili yari nyina wa Amasa, se wa Amasa yari Yeteri Umwishimayeli.Kalebu mwene Hezironi
18Kalebu mwene Hezironi yari afise abana yavyaranye n’umugore wiwe Azuba Yeriyoti. Aba ni bo bari abahungu biwe: Yesheri, Shobabu na Arudoni.19Azuba apfuye, Kalebu yarongoye Efurata, amuvyarako Huri.20Huri ni we yari se wa Uri, Uri na we yari se wa Bezaleli.21Mu nyuma, Hezironi amaze imyaka mirongo itandatu arongora umukobwa wa Makiri se wa Gileyadi. Aryamana na we, aca avyara Segubi.22Segubi yavyaye Yayiro, yatwara ibisagara mirongo ibiri na bitatu i Gileyadi.23Ariko Geshuri na Siriya bigarurira Havivoti Yayiro, Kenati hamwe n’ibigwati bihakikuje, vyose hamwe vyari ibisagara mirongo itandatu. Abo bose bari abakomoka kuri Makiri se wa Gileyadi.24Hezironi amaze gupfira mu gisagara ca Kalebu Efurata, Abiya umugore wa Hezironi amuvyarira umuhungu amwita Ashihuri ari we se wa Tekowa.Yerahimeyeli mwene Hezironi
25Aba ni bene Yerahimeyeli imfura ya Hezironi: Rami imfura yiwe, Buna, Oreni, Ozemi na Ahiya.26Yerahimeyeli yari afise uwundi mugore, yitwa Atara; Ni we nyina wa Onamu.27Aba ni bo bene Rami imfura ya Yerahimeyeli: Mayazi, Yamini na Ekeri.28Bene Onamu ni: Shamayi na Yada. Bene Shamayi ni: Nadabu na Abishuri.29Umugore wa Abishuri yitwa Abihayili, ari we yamuvyariye Ahibani na Molidi.30Bene Nadabu ni: Seledi na Apipayimu. Seledi yapfuye atavyaye.31Mwene Apipayimu ni: Ishi, ari we se wa Sheshani. Sheshani yari se wa Ahilayi.32Bene Yada, umuvukanyi wa Shamayi ni: Yeteri na Yonatani. Yeteri yapfuye atavyaye.33Bene Yonatani ni: Peleti na Zaza. Abo ni bo ruvyaro rwa Yerahimeyeli.34Sheshani nta bahungu yari afise, yavyaye abakobwa gusa. Yari afise umugurano w’Umunyegiputa yitwa Yarahu.35Sheshani ashingira umukobwa wiwe uwo mugurano wiwe Yarahu, aca avyara Atayi.36Atayi ni we se wa Natani, Natani akaba se wa Zabadi,37Zabadi akaba se wa Efulali, Efulali akaba se wa Obedi,38Obedi se wa Yehu, Yehu se wa Azariya,39Azariya mwene Helezi, Helezi se wa Eleyasa40Eleyasa se wa Sisimayi, Sisimayi se wa Shalumu,41Shalumu se wa Yekamiya, Yekamiya se wa Elishama.Inzu zikomoka kuri Kalebu
42Bene Kalebu umuvukanyi wa Yerahimeyeli ni: Mesha imfura yiwe, ari we yari se wa Zifu, n’umuhungu wiwe Maresha, yari se wa Heburoni.43Bene Heburoni ni: Kora, Tapuwa, Rekemu na Shema.44Shema ni we yari se wa Rahamu, Rahamu akaba se wa Yorikeyamu. Rekemu yari se wa Shamayi.45Mwene Shamayi yari Mayoni, Mayoni akaba se wa Beti-Zuri.46Efa, incoreke ya Kalebu ni we yari nyina wa Harani, Moza na Gazezi. Harani yari se w’uwundi Gazezi.47Bene Yahidayi ni: Regemu, Yotamu, Geshani, Peleti, Efa na Shayafi.48Mayaka, incoreke ya Kalebu, ni we yari nyina wa Sheberi na Tirihana.49Ni we yavyaye kandi Shayafi se wa Madumana na Sheva se wa Makibena na Gibeya. Umukobwa wa Kalebu yari Akisa.50Abo ni bo bakomoka kuri Kalebu.Abakomoka kuri Huri imfura ya Efurata ni: Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu,51Saluma se wa Betelehemu, na Harefu se wa Beti-Gaderi.52Abakomoka kuri Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu ni: Harowe, igice c’Abamenuhoti,53kandi imiryango ya Kiriyati-Yeyarimu yari: Abaturi, Abaputi, Abashumati n’Abamishirayi. Abo ni bo bandurukwako n’Abazorati n’Abeshitayoli.54Abakomoka kuri Saluma ni: Betelehemu, Abanetofati, Aturoti-Beti-Yowabu, igice c’Abamanahati, Abazori,55n’imiryango y’abanyabwenge b’ivyanditswe baba i Yabesi: Abatirati, Abashimeyati n’Abasukati. Abo ni Abakayini bakomoka kuri Hamati, se w’ab’inzu ya Rekabu.
Biblica, Inc.