1 Ngoma4
Abandi bakuru b’inzu mu muryango wa Yuda
1Abakomoka kuri Yuda ni: Perezi, Hezironi, Karumi, Huri na Shobali.2Reyaya mwene Shobali yari se wa Yahati, Yahati akaba se wa Ahumayi na Lahadi. Abo bari abakuru b’inzu zigize Abazorati.3Aba ni bo bene Etamu: Yezireyeli, Ishima na Idibashi. Mushiki wabo yitwa Hazeleliponi.4Penuweli yari se wa Gedori, na Ezeri yari se wa Hushahi. Aba bari abakomoka kuri Huri, imfura ya Efurata akaba se wa Betelehemu.5Ashihuri se wa Tekowa yari afise abagore babiri, Hela na Nayara.6Nayara yamuvyariye Ahuzami, Heferi, Temeni na Hayahashitari. Abo ni bo bakomotse kuri Nayara.7Bene Hela ni: Zereti, Zohari, Etinani,8na Kozi, yari se wa Anubi na Hazobeba hamwe n’abakuru b’inzu zigize Ahariheli mwene Harumi.9Yabesi yarusha abavukanyi biwe icubahiro. Nyina wiwe yamwise Yabesi, agomba kuvuga ati: “Namuvyaye mu mubabaro mwinshi.”10Yabesi atakambira Imana y’Abisirayeli ati: “Icompa ukampezagira ukanyagurira intara yanje! Ukuboko kwawe kukabana nanje, ukandinda ikibi cose kugira ngo ntikimbabaze.” Maze Imana imuha ivyo yasavye.11Kelubi, umuvukanyi wa Shuha, yari se wa Mehiri, se wa Eshitoni.12Eshitoni yari se wa Beti-Rafa, Paseya na Tehina, se wa Iri-Nahashi. Abo bari abantu b’i Reka.13Bene Kenazi ni: Otiniyeli na Seraya. Bene Otiniyeli ni: Hatati na Mewonotayi.14Mewonotayi yari se wa Ofura. Seraya yari se wa Yowabu, se wa Ge-Harashimu. Bahise gutyo kubera yuko abantu baho bari abahinga mu bikorwa.15Bene Kalebu mwene Yefune ni: Iru, Ela na Nayamu. Mwene Ela ni: Kenazi.16Bene Yehaleleli ni: Zifu, Zifa, Tiriya na Asareli.17Bene Ezira ni: Yeteri, Meredi, Eferi na Yaloni. Umwe mu bagore ba Meredi ni we yavyaye Miriyamu, Shamayi na Ishiba se wa Eshitemowa.18Abo bari abana b’umukobwa wa Farawo Bitiya, uwo Meredi yari yararongoye. Umugore wiwe akomoka mu muryango wa Yuda ni we yavyaye Yeredi se wa Gedori, Heberi se wa Soko, na Yekutiyeli se wa Zanowa.19Abahungu bavutse ku mugore wa Hodiya, mushiki wa Nahamu ni: Se wa Keyila Umugarumi, na Eshitemowa Umumayaka.20Bene Shimoni ni: Amunoni, Rina, Beni-Hanani na Tiloni. Abakomoka kuri Ishi: Zoheti na Beni-Zoheti.21Abakomoka kuri Shela mwene Yuda ni: Eri se wa Leka, Layada se wa Maresha n’imiryango y’abakora impuzu zera derere b’i Beti-Ashibeya,22Yokimu, abantu b’i Kozeba, na Yowashi na Sarafu, baganza i Mowabu na Yabushi Lehemu. Ibi vyanditswe ni ivyo mu bihe vya kera.23Ni bo babumvyi b’inkono baba i Netayimu n’i Gedera; bagumyeho kandi bakorera umwami.Simeyoni
24Abakomoka kuri Simeyoni ni: Nemuweli, Yamini, Yaribu, Zera, na Shawuli;25Shawuli yavyaye Shalumu, Shalumu avyara Mibusamu, Mibusamu nawe avyara Mishima.26Abakomoka kuri Mishima ni: Shimeyi mwene Zakuri, Zakuri mwene Hamuweli.27Shimeyi yari afise abahungu icumi na batandatu n’abakobwa batandatu, ariko abo bavukana ntibaronse abana benshi; ni co catumye umuryango wabo wose utabaye munini nk’umuryango wa Yuda.28Baba i Berisheba, i Molada, i Hazari-Shuwali,29i Biluha, i Ezemu, i Toladi,30i Betuweli, i Horuma, i Zikulagi,31i Beti-Marukaboti, i Hazari-Susimu, i Beti-Biri n’i Shayarayimu. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo gushika ku ngoma ya Dawidi.32Ibigwati vyabo vyari bihakikije vyari Etamu, Ayini, Rimoni, Tokeni na Ashani, vyose hamwe vyari ibisagara bitanu,33n’ibindi bigwati vyose vyari bihakikije gushika i Bayali. Aho ni ho baba.Uru ni rwo rutonde rwa ba sekuruza babo:34Mu bandi bakomotse kuri Simeyoni harimwo Meshobabu, Yamileki, Yosha mwene Amaziya,35Yoweli; Yehu mwene Yoshibiya, mwene Seraya, mwene Asiyeli,36na Eliyowenayi, Yakoba, Yeshohaya, Asaya, Adiyeli, Yesimiyeli, Benaya,37na Ziza mwene Shifi, mwene Aloni, mwene Yedaya, mwene Shimuri, mwene Shemaya.38Urwo ni rwo rutonde rw’amazina y’abakuru b’inzu zabo.
Uruvyaro rwabo rwaragwira cane,39maze baragenda gushika kw’irembo ry’i Gedori mu buseruko bw’ikiyaya barondera uburagiro bw’amasho yabo.40Basanga hari ubwatsi bwiza, butotahaye, kandi hagutse, hari amahoro, hatekanye. Abahamu ni bo bahora bahaba ubwa mbere.41Igihe Hezekiya umwami w’i Buyuda yari ku ngoma, abo bakuru bavuzwe bo mu muryango wa Simeyoni, batera iyo ntara y’Abahamu baba ngaho barabamara bose co kimwe n’Abameyunimu, nk’uko biri kugeza n’ubu. Maze baca basubira mu bibanza vyabo, kuko hari uburagiro bw’amasho yabo.42Kandi abashika amajana atanu b’Abasimeyoni, barongowe na Pelatiya, Neyariya, Refaya na Uziyeli, bene Ishi, batera mu misozi y’i Seyiri.43Bica Abamaleki bari basigaye bahahungiye, baca bibera ngaho gushika n’uwu musi.
Biblica, Inc.