2 Korinto6

1None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.2Kuko Imana ivuga iti:“Igihe gikwiye kigeze narakwumvise,no ku musi wo gukirizwako naragutabaye.” Ndababwiye ko iki ari co gihe co kwemererwamwo, uwu ni wo musi wo gukirizwako.

Ugutama kwa Pawulo

3Turirinda kugira ngo ntihagire uwo tubera igitsitaza kuko vyotuma igikorwa cacu kigawa.4Mu vyo dukora vyose, twerekana ko turi abakozi b’Imana b’ukuri mu kwihanganira amarushwa, imibabaro, n’ivyago vy’ubwoko bwose:5mu gukubitwa, mu gushirwa mu mabohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara maso, mu gusonza.6Ivyo dukora vyose tubikorana imitima itanduye, dufise ubwenge, dufise ukwihangana n’ubugwaneza biva kuri Mpwemu Yera, no mu rukundo atari uruheyiheyi.7Twigisha ijambo ry’Imana mu bwizigirwa no mu kuri kwaryo, kandi ubushobozi bw’Imana bukorera muri twebwe. Twitwaje ibigwanisho vy’ukugororoka mu kuryo no mu kubamfu.8Turakorera Imana abantu batwubaha canke batugaya, badutuka canke badushima. Turi imvugakuri, ariko batwita ababeshi.9Dufatwa nk’abatazwi ariko tuzwi na bose. Dusa n’abegereje urupfu ariko tubandanya tubaho. Turakubitwa ariko ntidupfa.10Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.
11Bagenzi b’i Korinto, twababwiranye umutima utagira uburyarya, kandi twabugururiye imitima yacu.12Ntitwananiwe no kubereka urukundo, ariko ni mwebwe mwugaye imitima yanyu.13None rero ndababwiye nk’abana banje ngo mwakire urukundo rwacu, mutwugururire imitima yanyu.

Twirinde gusenga ibigirwamana

14Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.15Mbe Kristo na Beliyali hari ico bahurirako? Mbega uwizera n’uwutizera bohurira ku ki?16Mbega urusengero rw’Imana hari ico rwohurirako n’ibigirwamana? Twebwe turi urusengero rw’Imana, kandi Imana yavuze iti:“Nzoba muri bonongere ngendane na bo.Nzoba Imana yabo,na bo bazoba abantu banje.” 
17None rero,“Nimuve muri bo,mwitandukanye na bo,ni ko Uhoraho Imana avuze.Ntihagire igihumanye mukorako,nanje nzobiyegereza.” 
18Kandi,“Nzobabera So,namwe muzombera abahungu n’abakobwa,”ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e