2 Korinto5
Twitege imibiri mishasha
1Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.2Ivyo bitarashika, tunihira mu mubiri wacu, turindiriye kwambikwa imibiri yo mw’ijuru nk’ivyambarwa vyacu,3kuko tumaze kuyambara ntituzosangwa turi gusa.4Tukiri muri uwu mubiri twambaye, turaboroga, tukaruha, ariko ntibisigura ko twipfuza gupfa ngo tuwuvemwo. Ahubwo ni kubera ko twipfuza kwambara imibiri yacu mishasha, kugira ngo iyi mibiri ipfa ihindurwe iyizobaho ibihe vyose.5Imana ni yo nyene yabiduteguriye, ica iduha na Mpwemu wayo nk’ingwati yemeza ibizoza.6Nuko rero twama twumva turemye, naho tuzi ko tukiri muri iyi mibiri, tuba turi kure y’aho Umwami ari.7Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.8Twumva turemye nk’uko nabivuze, kandi icotubera ciza ni uko twova muri uwu mubiri, kuko twoca twigira i muhira kwibanira n’Umwami wacu.9Ariko ico twipfuza imbere ya vyose, ni ukunezereza Umwami wacu, haba mu kuguma muri uwu mubiri canke mu kuwuvamwo.10Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.Igikorwa c’umwuzuzo
11Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.12Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.13Nimba tuboneka nk’ibijuju, ni ukugira ngo duheshe Imana icubahiro. Ariko nimba tuboneka nk’abanyabwenge, ni ku neza yanyu.14Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera.15Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.16Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.17Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.18Kandi ivyo vyose biva ku Mana yo yaduhaye kwuzura na yo biciye muri Kristo, ica iduha n’igikorwa c’umwuzuzo.19Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo.20None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.21Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura, ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.Biblica, Inc.