Filemoni1

1Jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu, na mwene Data Timoteyo,
Turakwandikiye wewe Filemoni, mwene Data dukunda cane kandi dusangiye ibikorwa,
2na mushiki wacu Afiya, na Arukipo uwo dusangiye urugamba, n’ishengero rikoranira mu nzu yanyu:
3Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.

Pawulo ashima Imana

4Nama nshima Imana ibihe vyose iyo ndiko ndagusengera,5kuko numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri wewe, n’urukundo ufitiye abizera bose.6Ndagusengera kugira ngo ukwizera dusangiye kwame ivyamwa, maze ubone gutahura ivyiza vyose dufise muri Kristo Yesu.7Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.

Pawulo avugira Onezime

8Ni co gituma, naho muri Kristo nari gushobora kugutegeka gukora ivyo utegerezwa gukora,9mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu,10ningingira umwana wanje Onezime, uwo navyaye ndi mw’ibohero.11Yahora ari imburakimazi kuri wewe, ariko ubu ni uw’ikimazi kuri wewe no kuri jewe.
12Ndamukurungikiye kandi umenye ko afise umutima nk’uwanje.13Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.14Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.15Birashoboka ko igituma yatandukanye na we igihe gito, kwari kugira ngo azogaruke ari uwawe ibihe vyose;16atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu.
17None rero nimba unyemera nk’uwo musangiye igikorwa, umwakire nk’aho woba wakiriye jewe ubwanje.18Nimba hari ikibi yagukoreye canke hari ideni agufitiye, urimparureko.19Jewe Pawulo, ndabikwandikiye n’ukuboko kwanje: nzorikuriha. Sinorinda kukwibutsa ko nawe umfitiye ideni ry’ubuzima bwawe.20Ndakwinginze rero mwene Data ungirire ubwo buntu ku bw’Umwami; uremeshe umutima wanje muri Kristo.21Ndakwandikiye nizeye ko uzokora ivyo ndagusavye, ndetse n’ibirengeye.
22Kandi untegurire icumba, kuko nizera ko Imana izokwishura amasengesho yawe, maze ikandekura nkagaruka iwanyu vuba.
23Epafura, uwo dusangiye ukubohwa muri Kristo Yesu, arabatasha.
24Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.
25Ubuntu bw’Umwami Yesu Kristo bubane n’impwemu yawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e