Tito3
Twakijijwe kugira ngo dukore ivyiza
1Wame wibutsa abantu kwubaha abarongozi n’abanyabubasha, kugamburuka no gukora ivyiza.2Birinde kugira uwo batuka kandi birinde ibihari. Ariko babe abagwaneza, kandi bace bugufi imbere y’abantu bose.3Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’uburyo bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.4Ariko ubuntu n’urukundo vy’Imana yo Mukiza wacu bimaze guhishurwa,5yaradukijije, atari kubera twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha bwo muri Mpwemu Yera.6Yasutse Mpwemu Yera kuri twebwe biciye muri Kristo Yesu Umukiza wacu,7kugira ngo tumaze kwemerwa nk’abagororotsi ku bw’ubuntu bwayo, tube abaragwa bafise ivyizigiro vy’ubugingo butazoshira.8Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.9Ariko wirinde impari z’ubupfu, ivy’urukurikirane rwa ba sekuruza, ibihari n’imitongano bifatiye ku vyagezwe n’amabwirizwa, kuko nta co bimaze kandi nta co bifasha uwuvyumva.10Nihagira uwuzana ivy’ukwicamwo ibice, uze umwihanize irya mbere n’irya kabiri, niyabandanya, uze umutaramure.11Kuko abantu nk’abo bataye inzira y’ukuri, kandi ivyaha vyabo birabatsindisha.Intasho
12Ninakurungikira Arutemasi canke Tukiko, uze ugerageze unsange i Nikopolisi, kuko nahisemwo kuzomarayo igihe c’imbeho nyinshi cane.13Uze ukore ibishoboka vyose ufashe umucamanza Zena na Apolo nibafata urugendo, kugira ngo baronke ivyo bakeneye vyose.14Abantu bacu bakwiye kwiga kwitangira ibikorwa vyiza, kugira ngo bashobore gufasha mu bikenewe, ubuzima bwabo ntibube ubutagira ikimazi.15Abo turi kumwe hano bose barakuramutsa.Udutahirize abadukunda bose mu kwizera.
Ubuntu bubane namwe.
Biblica, Inc.