Abaheburayo1

Imana yavuze iciye mu Mwana wayo

1Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.2Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.3Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.4Ibi vyerekana ko Umwana aruta cane abamarayika, nk’uko izina Imana yamuhaye riruta amazina yabo.

Umwana aruta abamarayika

5Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti:“Uri Umwana wanje;uwu musi ndakuvyaye”  ?Canke iti:“Nzomubera Se,na we azombera Umwana”  ?
6Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti:“Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.” 
7Ku bijanye n’abamarayika, yavuze iti:“Abamarayika bayo ibahindura imiyaga,abakozi bayo ikabagira imbeya z’umuriro.” 
8Ariko ku vyerekeye Umwana, ivuga iti:“Ukuganza kwawe, ewe Mana, kuzokwamaho.Ubugororotsi ni ryo cumu ry’inganji y’Ubwami bwawe.9Wakunze ubugororotsi, wanka ikibi;ni co gituma Imana, ari yo Mana yawe,yagutoranije,ikakurobanuza amavuta y’umunezero,ikakurutisha bagenzawe.” 
10Yongera iravuga iti:“Ni wewe, Uhoraho, washizeho amatanguriro y’isi,kandi amaboko yawe ni yo yaremye amajuru.11Ivyo bizoshira, ariko wewe wamaho.Vyose bizosaza nk’impuzu.12Uzobizinga nk’uwuzinga impuzu;bizohindurwa nk’uko bahindura impuzu.Ariko wewe uhora uko wamye,kandi imyaka yawe ntigira iherezo.” 
13Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti:“Icara i buryo bwanjekugeza abansi bawe bosendabashize musi y’ibirenge vyawe”  ?
14Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e