Yobu33

1None rero Yobu we, niwumve ivyo mvuga,utege ugutwi amajambo yanje yose.2Ngira nteranure akanwa kanje,ururimi rwanje ruvuge amajambo.3Amajambo yanje ava mu mutima ugororotse,mvugisha ukuri.4Mpwemu w’Imana ni we yambumvye,impwemu z’Iyishoboravyose ni zo zampaye ubugingo.5Unyishure nimba uza kubishobora,witegure duhangane.6Imbere y’Imana ndi co kimwe nawe.Nanje naremwe mw’ibumba.7Ni co gituma udakwiye kuntinya,nta cubahiro mfise cotuma ugira ubwoba.
8Ni ukuri wavuze numva,kandi niyumviye amajambo yawe.9Wavuze uti: ‘Ndi umugororotsi,nta caha kindiko.10Ariko Imana yama ifise ivyo inyagiriza,ikama imfata nk’umwansi wayo.11Ibohera ibirenge vyanje mu mpatane z’ibiti,ikarerekesha ijisho intambuko zanje.’
12Ariko nokubwira ko utari mu kuri,kuko Imana ihambaye gusumba umwana w’umuntu.13Ni iki kigutuma uyidodombera,uvuga ko itishura ku majambo yawe?14Ariko Imana yama iriko iravuga, rimwe muri ubu buryo, irindi mu bundi,naho ata n’umwe agira ishaka ryo kubimenya.15Ivugira mu nzozi, mu ndoto,iyo abantu basinziriye itiro ryinshi,iyo baryamye ku bitanda vyabo.16Ibongorera mu matwi,igatuma baterwa ubwoba n’ivyo ibaburiye.17Kugira ngo bahindure imigabo yabo mibi,ikabarinda ubwibone.18Ibarinda kuja mu mva,n’uko ubuzima bwabo bwicwa n’inkota.
19Canke naho Imana igahanira umuntu ku buriri bw’imibabaro,imuteje uburibwe budahera bwo mu magufa,20akabura akayabagu,akazinukwa n’ibiryoshe cane.21Umubiri wiwe ugahinduka ubusa,amagufa yiwe yahora yihishije akaja ahabona.22Umushaha wiwe ukegera rwa rwobo,ubuzima bwiwe bukegera intumwa z’urupfu.23Ariko habonetse umumarayika avuye mw’ijuru,akamuvugira,akemeza ko ari umugororotsi,24Imana imugirira ubuntu,ikavuga iti: ‘Nimumurekure, ntimumwice!’Naronse impongano y’ubugingo bwiwe.25Maze umubiri wiwe ugasubira kuba nk’uw’uruyoya,ugasubira itoto nko mu buto bwiwe.26Asenze Imana, na yo iramwishura,akabona mu nyonga z’Imana anezerewe,Imana ikamusubiza mu kugororoka kwiwe.27Maze akaza aririmba imbere y’abantu,avuga ati: ‘Naracumuye, ngoramika ivyari bigororotse,ariko Imana ntiyampanishije ibihwanye n’ivyo nakoze.28Yarokoye ubugingo bwanje ntibwaja mu rwobo,none ubugingo bwanje bwabonye umuco.’
29Ivyo vyose Imana ibikorera umuntu,incuro ya mbere, iya kabiri, n’iya gatatu.30Ibakiza urupfu,kugira ngo bagendere mu muco w’abazima.
31None rero Yobu, untege amatwi,ucereze nanje mvuge.32Nimba ufise ico uvuga, nunyishure.Nuvuge, kuko nipfuza kukuburanira.33Ariko niwaba ata co ufise uvuga, nyumviriza.Cereza ndakwigishe ubwenge.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e