Yobu32
Elihu
1Maze ba bagabo uko ari batatu bahagarika kwishura Yobu, kuko we ubwiwe yabona ko ari umugororotsi.2Ariko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi mu muryango w’Abaramu akarira Yobu cane kuko yari yanse kwemera ko yakoze ivyaha, kandi ntiyemera ko Imana itamurenganije mu kumuhana.3Yongera akarira bagenziwe batatu kuko bananiwe no gutsinda Yobu ariko bakagiriza ikibi Imana.4Elihu yari yabanje kureka bagenziwe baravuga, kuko bamusumba mu myaka.5Ariko abonye amajambo yabaheranye, uburake bwiwe buraziriringa.6Maze Elihu mwene Barakeli w’i Buzi, aravuga ati:“Jewe ndi muto mu myaka,mwebwe murakuze cane.Ni co gituma nigumije,sinubahuka kubabwira ico niyumvira.7Nahora nibaza nti: ‘Aba kera ni bo bakwiye kuvuga,kandi abo hambere ni bo bakwiye kwigisha ivy’ubwenge.’8Ariko nasanze ari impwemu y’Imana iba mu muntu,itanga ugutahura.9Abatama si bo bonyene bazi ubwenge,n’abakuze si bo bonyene bafise ugutahura.10Ni co gituma ndababwira nti: Nimunyumvirize,nanje ndababwire ico niyumvira.11Nabarindiriye mukiriko muravuga,nkiyumvira ku vyiyumviro vyanyu,mukirondera amajambo mukoresha.12Nabumvirije neza mwese,ariko nta n’umwe nigeze numva atsinda Yobu,canke ngo ashobore kumwishura ku majambo yiwe.13Kandi ntimumbwire muti: ‘Twasanze ari umunyabwenge,none reka Imana yo nyene ibe ari yo imwiyishurira.’14Iyaba Yobu yariko araharira nanje,sinari kumwishura mu majambo nk’ayanyu.15Ehe raba murumiwe,murabuze ico musubizayo.16None ngume numye ko mwabuze ico muvuga,ko mbona muhagaze ata co muvuga?17Nanje ndafise ico novuga,reka ndababwire ico niyumvira.18Kuko numva nuzuye amajambo,kandi numva umutima unsunikira kuyavuga.19Numva meze nk’umukuza w’urusato wuzuye umuvinyu mushasha,uvyimvye, ugomba guturika.20Reka mvuge kugira ngo ntenzukirwe.Reka nteranure akanwa kanje nishure.21Ngira mvuge ata ho mpengamiye,kandi nta n’umwe nshobora guhema,22kuko iyaba nari nzi guhemana,umuremyi wanje yondanduye nk’aka kanya.Biblica, Inc.