Zaburi2

1Ni kuki amahanga ateye umuvurunganon’amoko akagira inama z’ubusa?2Abami bo mw’isi bahagurutsen’abatware bagiye hamwengo bagwanye Uhoraho n’uwo yarobanuje amavuta, bavuga bati:3“Nimuze ducagagure ivyo batubohesheje,twiyambure iminyororo yabo.”
4Umwe ari ku ntebe y’ubwami mw’ijuru aritwengera;Uhoraho abatwengera mw’ijigo.5Abakankamirana uburake bwiwe,akabatera ubwoba mu bushangashirwe bwiwe, ati:6“Niyimikiye umwami wanjei Siyoni, umusozi wanje wera.”
7Ndavuga ivyo Uhoraho yashinze.Yambwiye ati: “Uri umwana wanje;uwu musi ndakuvyaye.8Nsaba,nanje nzohindura amahanga umugabane wawe,n’impera z’isi zibe inyegu yawe.9Uzoyamenaguza inkoni y’icuma;uyagire ubunywenywe nk’inkono y’ibumba.”
10Nuko rero, yemwe bami nimuce ubwenge;mwemere kuburirwa, yemwe batware bo kw’isi.11Mukorere Uhoraho muhinda agashitsi,munezerererwe ibikorwa vyiwe muhinda agashitsi.12Nimuce bugufi imbere y’uwo mwana kugira ngo ntarakemaze mugahonera mu nzira,kuko uburake bwiwe buduga mu kanya isase.Hahiriwe abamuhungirako bose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e