Zaburi1

1Hahiriwe umuntuadakurikiza impanuro z’abanyakibi,ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,canke ngo yicarane n’abacokoranyi,2ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’Uhoraho,akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.3Ameze nk’igiti catewe i ruhande y’imigezi y’amazi,kikama mu gihe caco,kandi amababi yaco ntiyuma.Ico akoze cose kiratera imbere.
4Ariko abanyakibi si ko bameze!Bo bameze nk’umugurukautumurwa n’umuyaga.5Ni co gituma abanyakibi batazohagarara ku musi w’urubanza,canke abanyavyaha mw’ikoraniro ry’abagororotsi.
6Kuko Uhoraho arinda inzira y’abagororotsi,ariko inzira y’abanyakibi ijana mu mahonero.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e