Zaburi148
1Haleluya.Nimuhimbarize Uhoraho iyo mw’ijuru;mumuhimbarize ahasumba amajuru.2Mumuhimbaze, yemwe bamarayika biwe;mumuhimbaze, namwe nyenyeri zo kw’ijuru.3Nimumuhimbaze, zuba n’ukwezi;mumuhimbaze yemwe nyenyeri zaka mwese.4Nimumuhimbaze, yemwe majuru asumba ayandinamwe mazi yo hejuru.5Abo nibahimbaze izina ry’Uhoraho,kuko yategetse bikabaho,6kandi yabishingiye aho kuba ibihe bidashira;yashinze itegeko ritazokwigera rivaho.7Nimuhimbaze Uhoraho mw’isi,yemwe vyaremwe bininibinini vyo mu kiyaga namwe madamba y’ibiyaga,8miravyo, rubura, shelegi namwe bicu,mwa bihuhusi mwumvira itegeko ryiwe,9yemwe misozi n’uturambi twose,biti vyama n’amasederi yose,10bikoko vyo mw’ishamba n’amasho yose,ivyaremwe bitobito n’inyoni zo mu kirere,11bami bo kw’isi n’amahanga yose,yemwe baganwa n’abatware bose bo kw’isi,12yemwe basore n’inkumi,batama namwe bana.13Abo nibahimbaze izina ry’Uhoraho,kuko izina ryiwe ryo nyene ari ryo rishizwe hejuru;icubahiro ciwe kiri hejuru y’isi n’ijuru.14Kandi yahagurukirije ihembe abantu biwe,ishimwe ry’abasavyi biwe bose bizigirwa,rya Isirayeli, ihanga riri ku mutima wiwe.Haleluya.
Biblica, Inc.