Zaburi115

1Ntabe ari twebwe, ewe Uhoraho, ntabe ari twebweariko icubahiro kibe ic’izina ryawe,ku bw’urukundo rwawe n’ubwizigirwa bwawe.
2Ni kuki abanyamahanga bavuga bati:“Imana yabo iri hehe?”3Imana yacu iri mw’ijuru;ikora ibiyihimbara vyose.4Ariko ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu,vyakozwe n’intoke z’abantu.5Bifise akanwa, ariko ntibivuga,bifise amaso, ariko ntibibona.6Bifise amatwi, ariko ntivyumva,bifise amazuru, ariko ntibimoterwa.7Bifise intoke, ariko ntibikorakora,bifise ibirenge, ariko ntibigenda,kandi ntibishobora gusohora ijwi rivuye mu mihogo yavyo.8Ababicura bazomera nka vyo,co kimwe n’abavyizigira bose.
9Ewe Isirayeli, nimwizigire Uhoraho;ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe.10Ab’inzu ya Aroni nimwizigire Uhoraho;ni we mutabazi wanyu n’inkinzo yanyu.11Yemwe abamwubaha mwese, nimwizigire Uhoraho;ni we mutabazi wanyu n’inkinzo yanyu.
12Uhoraho aratwibuka kandi azoduha umugisha:azoha umugisha abantu biwe ba Isirayeli,azoha umugisha inzu ya Aroni,13azoha umugisha abubaha Uhoraho;aboroshe n’abahambaye.
14Uhoraho naguhe gusagarara,wewe n’abana bawe.15Uragahabwa umugisha n’Uhoraho,Umuremyi w’ijuru n’isi.
16Ijuru risumba ayandi ni iry’Uhoraho,ariko isi yayihaye abana b’abantu.17Si abapfuye bazohimbaza Uhoraho,abamanuka baja ahantu h’agacerere;18ni twebwe tuzoshira hejuru Uhoraho,uhereye none ukageza ibihe vyose.Himbaza Uhoraho.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e