Zaburi116
1Nkunda Uhoraho, kuko yumvise ijwi ryanje;yumvise ugutakamba kwanje.2Kuko yanteze ugutwi,nzomwambaza igihe cose nzoba nkiriho.3Imigozi y’urupfu yaranyizingiriyeko,umubabaro wo mu mva warandenze;narengewe n’umubabaro n’agahinda.4Maze nambaza izina ry’Uhoraho nti:“Uhoraho, nkiza!”5Uhoraho ni umunyabuntu kandi aragororotse;Imana yacu yuzuye imbabazi.6Uhoraho azigama ba nyarucari;aho nacishwa bugufi, yarantabaye.7Mutima wanje, subira utekane,kuko Uhoraho yakugiriye neza.8Kuko wewe Uhoraho, wankuye mu rupfu,amaso yanje ukayakiza kurira,ibirenge vyanje ukabikiza gutsitara,9kugira ngo ngendere imbere y’Uhorahomw’isi y’abazima.10Nari nizigiye Uhoraho aho navuga nti:“Ndababajwe cane”;11mu mubabaro wanje naravuze nti:“Abantu bose ni ababeshi.”12Uhoraho nzomwitura ikiku vyiza vyose yankoreye?13Nzoshira hejuru igikombe c’agakizanambaze izina ry’Uhoraho.14Nzoshitsa ivyo nasezeraniye Uhorahoimbere y’abantu biwe.15Mu nyonga z’UhorahoUrupfu rw’abizigirwa biwe ni urw’igiciro.16Vy’ukuri ndi umusavyi wawe, Uhoraho;ndagukorera nk’uko mama yabikora;wankuye mu minyororo narimwo.17Nzogushikanira ikimazi co gushimanambaze izina ry’Uhoraho.18Nzoshitsa ivyo nasezeraniye Uhorahomu maso y’abantu biwe,19mu birimba vy’Ingoro yawe, Uhoraho;hagati muri wewe, Yerusalemu.Himbaza Uhoraho.
Biblica, Inc.