Yobu41

1Mbega woshobora kurobesha Leviyatani igera,canke ururimi rwayo worubohesha umugozi?2Mbega woyibohesha umugozi uwucishije mu zuru?Umubangabanga wayo wowutoboza uruhindu?3Mbega yokwinginga ngo uyigirire impuhwe,ikabigusaba mu majambo yiyoroheje?4Mbega mwogiranira isezerano,ikemera kukubera umugurano imisi yo kubaho kwayo yose?5Mbega woyigira igitungwa co gukinisha nk’uko bakinisha inyoni,canke woyizirika kugira ngo unezereze abakobwa bawe?6Mbega abadandaza boyirangurabakayigurisha ku bandi badandaza?7Mbega urusato rwayo rwotoborwa n’imyampi yawe y’ingobe,canke umutwe wayo wotobozwa icumu ryica amafi?8Uyishoreyeko ukuboko, intambara wogira ntiwoyibagira,kandi ntiwokwigera usubira.9Ivyiyumviro vyose vyo kuyifata ni ivy’ubusa.Kuyikubita ijisho vyonyene bitera igihumura.10Nta n’umwe yubahuka kuyikomakoma.None ni nde yoshobora kumpangara?11Ni nde mfitiye umwenda ngo ndamwishure?Ibiri musi y’ijuru vyose ni ivyanje.
12Sinoreka kuvuga ingingo za Leviyatani,inkomezi zayo hamwe n’ubwiza bw’umutumba wayo.13Ni nde yoyambura umwambaro wayo wo hejuru?Ni nde yokwishira hagati mu majigo yayo?14Ni nde yokwubahuka kwugurura umuryango w’akanwa kayo,ko mu menyo hayo hateye ubwoba?15Umugongo wayo utonzeko inkinzo,kandi ziramatanye zomekeranije rwose,16imwe yose imatanye n’iyindi,nta n’akayaga gaca hagati yazo.17Zirafatanije kandi ziragumye,zomanyeko ntizishobora kumadukanako.18Kwasamura kwayo kuvamwo umuco,amaso yayo ameze nk’imishwarara yo mu bucagucagu.19Umuriro uva mu kanwa kayo,amasase agataruka awuvamwo.20Umwotsi upfunduka uva mu mazuru yayo,nk’uw’inkono ibiragira canke uw’amahwa ariko arasha.21Uguhumeka kwayo kwatsa amakara,imbeya zikava mu kanwa kayo.22Inkomezi ziri kw’izosi ryayo;iterabwoba rigendera imbere yayo.23Ibigize umubiri wayo birafatanije cane,ntibinyiganyizwa na gato.24Umutima wayo ukomeye nk’ibuye,ukomeye nk’urusyo.25Iyo ihagurutse, abahizi barajugumira;bagata umutwe kubera ubwoba.26Inkota iyishikiriye nta co iyigira,canke icumu, canke umwampi w’amashami, canke ikimito.27Ivyuma kuri yo ni nk’ivyatsi,umwakaka na wo umeze nk’igiti kibunzwe.28Imyampi nticirukana,ibuye ritewe n’umugozi rimeze nk’umuguruka kuri yo.29Ibihiri ibigereranya n’ivyatsi,isuzugura umuhunda w’icumu.30Inda yayo ifutswe n’ibimeze nk’injo zikarishe,zisiga imirongo mu vyondo aho yakweze inda.31Isuragura mw’ibenga hakaba nk’inkono ibiragira,ikiyaga ikagihindura nk’ikarabo ry’amavuta yo kwisiga32Aho iciye ihasiga inzira ikayangana,ni nk’aho mw’ibenga hasheshe imvi.33Kw’isi nta na kimwe kingana na yo,ni ikiremwa kidatinya ikintu na kimwe.34Kirabana agakengerwe ivyishira hejuru vyose,ni co mwami w’ivyirata vyose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e