Yobu28

Intangamarara: Mbega ubwenge bwoboneka he?

1Ni ukuri hama hariho ahantu bimba ifeza,n’ahantu bavugutira inzahabu.2Ubutare babwimba mw’isi,umujumbu na wo mu bisate vy’urutare rwawo bishongeshejwe.3Abantu bazi ingene bashira umuco ahari umwijima,bakawinjiramwo gushika aho ugera,bagashika no mu muzitanya w’urupfu barondera amabuye y’agaciro.4Bimba ivyobo birebire kure y’aho abantu baba,aho ata kirenge c’umuntu kihashika.Bakavyururukamwo ku migozi bazungeta hirya no hino.5Iyi si ni yo imerako ivyokurya,ariko i kuzimu hayo hameze nk’ahahindaniramwo umuriro.6Ibitandara vyaho bivamwo utubuye tw’agaciro twitwa lapisi lazuli,umukungugu waho urimwo utuvunguka tw’inzahabu.7Ibisiga vyo mu kirere ntibizi inzira ija aho hantu,n’amaso y’agaca ntaraharabukwa.8N’ibikoko vyibona ntibirahahonyoza ikirenge,n’intambwe ntirahahonyoza ijanja.9Abantu basatura ibitandara vy’amabuye y’amasare,bagasenyura imisozi bahereye mu ntango zayo.10Baca imyobo mu bitandara,amaso yabo akabona ubutare bunyegejeyo.11Bagomera inzuzi zigakama,bagashira ahabona ivyihishije.
12Ariko ubwenge bwo buboneka hehe?Ugutahura bogusanga hehe?13Abantu ntibazi agaciro kabwo,kuko ntibubonerwa mw’isi y’abazima.14I kuzimu havuga hati: “Nta buri hano.”Ikiyaga kikavuga giti: “Ntibuba iwanje.”15Ntibugurwa inzahabu ziramuye,canke ngo buguzwe ibilo vy’ifeza.16Ntibugurwa n’inzahabu ziva muri Ofiru,canke utubuye tw’agaciro twitwa onigisi canke lapisi lazuli.17Inzahabu canke ayandi mabuye y’agaciro ntivyogereranywa na bwo,n’ivyakozwe mu nzahabu ntivyoguzwa na bwo.18Amabuye y’agaciro yitwa korayi na yasipi ntivyoruha bigereranywa na bwo,agaciro kabwo gasumba imaragarita.19Ubwenge ntibwogereranywa n’amabuye y’agaciro yitwa topazi yo muri Etiyopiya,kandi ntibwogurwa inzahabu ziramuye.
20None ubwenge buva he?Ugutahura kuba he?21Bunyegejwe amaso y’ibifise ubuzima vyose,buhishijwe inyoni zo mu kirere.22Gatikizo na Rupfu biravuga biti:Twumvise ibihuha vyabwo gusa.23Imana ni yo izi inzira ijana iyo buri,ni yo yonyene izi aho buba,24kuko ibona ku mpera z’isi zose,ikabona n’ibiri musi y’ijuru.25Igihe yashiraho inkomezi z’umuyaga,ikagena uburemere bw’amazi,26igaha amategeko imvura,imiravyo ikayiha inzira,27Ni ho yitegereza ubwenge ikabugera,irabusuzuma, iremeza agaciro kabwo.28Maze ibwira abantu iti:“Ukwubaha Imana ni bwo bwenge,kandi ukuva mu vyaha ni kwo gutahura.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e