Yeremiya6

Yerusalemu hugarizwa n’abansi

1Hunga mukize amagara yanyu, yemwe bene Benyamini!Nimuhunge muve i Yerusalemu!Vuza inzamba i Tekowa!Manika ibendera i Beti-Hakeremu!Kuko icago kibahanamiye kivuye mu buraruko,kandi ni uguhonya guhambaye.2Nzosangangura umukobwa w’i Siyoni,umwe mwiza kandi abereye ijisho.3Abungere n’amasho yabo bazoza;bazohakikuza amahema yabo,umwe wese azoragira mu canya ciwe.
4Mwitegurire kuja kuhagwanya!Muhaguruke tuhatere mu mashoka!Ariko, turagowe, kuko burije,kandi burahwibiriye.5Nuko rero nimuhaguruke, dutere mw’ijoro,maze dusambure inzitiro zaho!”
6Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:“Nimwicire ibitimwubake ivyo kwuririrako ngo mugwanye Yerusalemu.Iki gisagara gitegerezwa guhanwa;cuzuye agacinyizo.7Nk’uko iriba ridudubiza amazi yaryo,ni ko na co kidudubiza ibibi vyaho.Muri co humvikana umuryano n’uguhonya;ingwara yaho n’ibikomere vyama imbere yanje.8Burirwa wumve, yewe Yerusalemu,ngo simpave ndabahebangatuma igihugu canyu gisigara ari umusakaata n’umwe agishobora kukibamwo.”
9Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:“Nibasorome amasigarira ya Isirayelibamaririkanye nk’uko bagira ku muzabibu;nimusubiremwo musorome ivyasigaye mu mashami,nk’uko umuntu yegeranya inzabibu.”
10Ni nde nobwira nkamumenyesha imburi yanje?Ni nde yonyumviriza?Amatwi yabo arazibwengo ntibashobore kwumva.Ijambo ry’Uhoraho ni igitsitaza kuri bo;ntibarinezerererwa.11Ariko nuzuye uburake bw’Uhorahokandi sinshobora kwihangana.“Busuke ku bana bari mu mabarabarano ku rwaruka rukoraniye hamwe;umugabo n’umugore wiwe bompi bazofatwa na bwo,n’abatama, bamwe bamaze kuremerwa n’imyaka bakagorama.12Amazu yabo azohabwa abandi,hamwe n’amatongo yabo n’abagore babo,ninaramvura ukuboko kwanjengo ngwanye ababa mu gihugu,”ni ko Uhoraho avuze.13“Kuva ku muto gushika ku mukuru,bose buzuye umunoho w’amaronko;kandi kuva ku muvugishwa gushika ku muherezi,bose ni abanyabinyoma.14Bavura igikomere c’abantu banjenk’aho kitababaje;bakavuga ngo: ‘Ni amahoro, ni amahoro,’kandi ata mahoro ariho.15Mbega none boba bamaramazwa n’inyifato yabo igayitse?Oya na mba, nta soni bafise;mbere ntibazi no kumaramara ico ari co.Ni co gituma bazogwa aho abandi baguye;bazotemba igihe nzoba ndiko ndabahana,”ni ko Uhoraho avuze.
16Uku ni ko Uhoraho avuze:“Nimuhagarare mu mayirabiri murabe;mubaze inzira za kera izo ari zo,nimubaze inzira nziza iyo ari yo, maze muyicemwo,ni ho muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.Ariko mwaravuze muti: ‘Nta yo tuzocamwo.’17Nashizeho abarinzi bo kubarinda maze ndavuga nti:‘Nimwumvirize ijwi ry’inzamba!’Ariko mwavuze muti: ‘Ntituzoryumviriza.’18Nuko rero, nimwumve, yemwe mahanga;mwebwe muri ivyabona,nimurabe ibizobabako.19Niwumve, yewe wa si we:Nzoteza icago kuri aba bantu,gitewe n’ivyiyumviro vyabo bibi,kuko batumviye amajambo yanjebagatera ibitugu Ivyagezwe vyanje.20Ni igiki conezera mu bimota neza vy’i Shebacanke urubingo rumota neza rwo mu gihugu ca kure?Ibimazi vyo guturirwa vyanyu ntivyemerwa;ibimazi vyanyu ntibimpimbara.”
21Ni co gituma Uhoraho avuze ati:“Nzoshira ibitsitaza imbere y’ubu bwoko.Ba se co kimwe n’abahungu bazotsitara kuri vyo;ababanyi n’abagenzi bazohona.”
22Uku ni ko Uhoraho avuze:“Raba, ingabo zirajezivuye mu gihugu co mu buraruko;ihanga rikomeye rirahagurutserivuye ku mpera z’isi.23Bitwaje imiheto n’amacumu;bateye ubwoba kandi ni ba ruburakigongwe.Akamo kabo, bariko bariruka ku mafarasi yabo,ni nk’ukubomborana kw’ikiyaga gisuriranya.Baje kurya kw’abagabo bariko barimenyereza intambarango bagutere, yewe mukobwa w’i Siyoni.”
24Twumvise inkuru zabo,amaboko yacu yaciye acika inkokora.Umubabaro uradufata,umubabaro nk’uw’umugore ariko aravyara.25Ntimuje mu mirimacanke ngo mugendagende mu mayira,kuko umwansi yitwaje inkota,kandi hari ibiteye ubwoba impande zose.26Yemwe bantu, nimwambare amaguniramwitembagaze mu minyota;mugandare muboroge canenk’uko umuntu aririra umuhungu wiwe w’ikinege.Kuko umuranduziadushitseko giturumbuka.
27“Nakugize nk’igipimisho gipima ivyumahamwe n’abantu banje,kugira ngo wihwezekandi upime inzira zabo.28Bose ni abagarariji bakomantaye imitima,bagenda hose bavuga abandi nabi.Bameze nk’umuringa n’icuma;bose bakora ivy’ubugarariji.29Itanure riraka canengo rishongeshe ubutare,ariko ivyuma ntibishonga;ababi ntibamarwa inkamba.30Bitwa ifeza yatawe,kuko Uhoraho yabataye.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e