Yeremiya15
1Maze Uhoraho ambwira ati: “Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, basabira aba bantu umutima wanje ntiwobagirira imbabazi. Barungike kure bave imbere yanje! Nibagende!2Nibakubaza bati: ‘Tuje he?’ Uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze:Abagerewe gupfa, baje gupfa;abagerewe kwicishwa inkota, baje kwicwa n’inkota;abagerewe kwicwa n’inzara, baje kwicwa n’inzara;abagerewe kujanwa ari inyagano, bajanwe ari inyagano.’3Nzorungika ivyo kubazimanganya bine,” ni ko Uhoraho avuze, “inkota yo kubica, imbwa zo kubakwega, ibisiga hamwe n’ibikoko vyo mw’ishamba vyo kubashihagura no kubahonya.4Nzobahindura akajoreza mu bwami bwose bwo kw’isi kubera ivyo Manase mwene Hezekiya umwami w’i Buyuda yakoze i Yerusalemu.5Ni nde azokugirira akagongwe, ga yewe Yerusalemu?Ni nde azokugandarira?Ni nde azohagarara ngo abaze uko umeze?6Warantaye,”ni ko Uhoraho avuze.“Ushishikara gusubira inyuma.Ni co gituma nzotuma ukuboko nkagusangangura;singishoboye kukwihanganira.7Nzobagosoza icuma c’amenyobari ku marembo y’igisagara ca kino gihugu.Nzosanzaza abantu banje ndabarandure,kuko bataretse ingeso zabo mbi.8Nzorushaho kugwiza abapfakazi babobarute umusenyi wo ku kiyaga.Mu mashoka nzorungika umuranduziwo kwica ba nyina b’imisore;nzobahwikiza giturumbukaibiteye ubwoba n’uguhungabana.9Nyina w’abana indwi azocika intege,hanyuma acikane.Izuba ryiwe rizocokera hakiri ku murango;azoteterwa amaramare.Amasigarira nzoyamarisha inkotaimbere y’abansi babo,”ni ko Uhoraho avuze.10Ese ayo ngowe, kubona mama yaramvyaye,jewe nkankwa n’igihugu cose!Sinaguranye canke ngo ngire uwungurana,ariko bose baramvuma.11Uhoraho yavuze ati:“Ni ukuri nzogukiza ku bw’intumbero nziza;kandi ni ukuri abansi bawe bazoza bagutakambiramu bihe vy’ivyago n’amarushwa.12Mbega umuntu yovuna icuma,icuma kivuye mu buraruko, canke umwakaka?13Ubutunzi bwanyu n’ibitayega vyanyunzobitanga bibe isahu, ata kiguzi,kubera ivyaha vyanyubiri mu gihugu canyu cose.14Nzobahindura abagurano b’abansi banyumu gihugu mutazi,kuko uburake bwanje buzokwatsa umurirokandi uzokwaka uturira mwebwe.”15Yewe, Uhoraho, urabizi;unyibuke kandi unyiteho.Umporere abampama.Kuko uteba kuraka, ntuze unjane kure;wibuke ko nihanganiye ibitutsi ku bwawe.16Aho amajambo yawe yaza, narayariye;yambereye umunezero kandi yahimbaye umutima wanje,kuko nambaye izina ryawe,yewe Uhoraho Mana Mushoboravyose.17Sinigeze nicarana n’abacokoranyi,ngo nje mu bihimbaro vyabo;nicaye ukwanje kuko ukuboko kwawe kwari kuri jewekandi ukaba wanyujuje umubabaro.18Ni kuki umubabaro wanje udashiran’igikomere canje ntigikire?Mbega umbereye nk’umugezi utari wo,nk’isoko umuntu atokwizigira?19Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze:“Niwihana, nzokugarukanakugira ngo unkorere;niwavuga amajambo abereye, ukareka ayatabereye,uzoba umuvugizi wanje.Abo bantu baze bahindukire baze iyo uri,ariko wewe ntuze uhindukire ngo uje iyo bari.20Nzoguhindura nk’uruzitiro kuri aba bantu,uruzitiro rukomeye rw’umwakaka;bazokugwanyaariko ntibazokunesha,kuko ndi kumwe nawengo ndagukize,”ni ko Uhoraho avuze.21“Nzogukiza ndagukure mu maboko y’abanyakibindagucungure abantu babi b’ibirara.”
Biblica, Inc.