Yesaya10

1Muragowe mwebwe mushinga amategeko y’akarenganyo,mugashinga amategeko acinyiza abantu.2Munyaga abakene utwabo,mukareka gucira imanza zibereye abacinyijwe bo mu bwoko bwanje,abapfakazi mubagira iminyago yanyu,impfuvyi mukazisahura utwazo.3Mbega ku musi w’imanza muzogira gute,igihe amakuba azobashikako avuye kure?Muzohungira kwa nde ngo abatabare?Mbega ubutunzi bwanyu muzobunyegeza he?4Nta kindi muzoba musigaje atari ukuburanirwa muri mu banyagano,canke imivyimba yanyu ikagwa mu basogoswe.Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.

Imana icira urubanza Ashuri

5“Uragowe, yewe Ashuri, wewe nkoni y’ishavu ryanje,inkoni witwaje ni yo burake bwanje.6Nzogutuma gutera ihanga ritubaha Imana,nzokurungika mu bwoko buntera ishavu,ubasahure wongere ubatware nk’iminyago,ubahonyangishe ibirenge nk’uwuhonyanga ivyondo mu nzira.7Ariko umwami wa Ashuri ntazoba atahura ko ari igikoresho canje,ivyo si vyo azoba afise mu mutwe;intumbero yiwe ni uguhonya,ashire iherezo ku mahanga menshi.8Kuko avuga ati: umwe wese mu baganwa banje azoba umwami vuba.9Tuzosangangura Kalino nk’uko twabikoreye Karikemishi,Hamati hazogwa mu maboko yacu nk’uko vyagendeye Arupadi.Kandi tuzosangangura Samariya nk’uko twabikoze i Damasiko.10Ko ukuboko kwanje kwashoboye gufata ubwami bufise ibigirwamana,ubwami bwasumvya ibigirwamana Yerusalemu na Samariya,11mbega sinzomara amanyama Yerusalemu n’ibigirwamana vyaho,nk’uko namaze amanyama Samariya n’ibigirwamana vyaho?”
12Uhoraho niyamara gushitsa ivyago yateguriye umusozi Siyoni na Yerusalemu, azovuga ati: “Ngiye guhana umwami wa Ashuri, kuko yuzuye ubwibone n’ukwishira hejuru.13Kuko azovuga ati:‘Narabikoze jewe ubwanje,ndabikoresheje inkomezi z’ukuboko kwanje n’ubwenge bwanje,kuko ndi umunyabwenge.Nakuyeho imbibe hagati y’amahanga, nanyaze ubutunzi bwaho;mu butwari bwinshi,nakuye ku ngoma abami benshi.14Nk’uko umuntu yaruza icari,ni ko ukuboko kwanje kwatwaye ubutunzi bw’amahanga.Nk’uko umuntu yegeranya amagi,ni ko negeranije ibihugu vyo kw’isi vyose.Nta n’umwe yakubise n’ibaba,nta n’uwaryogoye.’ ”
15Mbega incabiti yokwirata ku wuyikoresha?Canke umusumeno wokwishima ku wuwukoresha?Mbega inkoni yokubita ata wuyikubitishije,canke inkoni yokwigendagendesha ata wuyishimikije?16Ni co gituma Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,azoteza ingwara abasoda bawe bakomeye,amagara abashiremwo,kandi musi y’ubwiza bwiwe, hazocanwa umuriroumuriro utongora.17Uhoraho, Umuco wa Isirayeli, azohinduka umuriro;kandi Uwera azohinduka nk’urubeya.Ku musi umwe, azotongoraayo mahwa n’imikere.18Ubwiza bw’amashamba yiwe n’amatongo yiwe amera,bizotikizwa bihere,bimere nk’umugwayi acikanye.19Ibiti bizosigara muri ayo mashamba yaho bizoba ari bike,ku buryo n’umwana yobiharura.

Amasigarira y’Abisirayeli

20Kuri uwo musi amasigarira ya Isirayeli,abazoba barokotse ba Yakobo,ntibazoba bakimwisungantibazisunga uwabakubise,ahubwo bazokwizigira Uhoraho,Uwera wa Isirayeli.21Amasigarira azogaruka, amasigarira ya Yakoboazogaruka ku Mana Ikomeye.22Isirayeli we, naho abantu bawe ari nk’umusenyi wo ku kiyaga,inkehwa gusa ni zo zizogaruka.Agatikizo karamaze gutegurwa,Uhoraho yahisemwo kubatikiza kuko ari co babereye.23Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,azoshitsa ako gatikizo ku gihugu cose,nk’uko yabiteguye.
24None rero uku ni ko Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, avuze:“Yemwe bwoko bwanje buba i Siyoni,ntimutinye Abashuri,babakubita inkoni, bakababangurira ibibando,nk’uko Abanyegiputa babigira.25Hasigaye igihe gito, uburake nari mfitiye mwebwe bugahera,uburake bwanje buzoba agatikizo k’Abashuri.”
26Uhoraho Mushoboravyose azobakubitisha ikimoko,nk’uko yakubitiye Abamidiyani ku gitandara c’i Horebu,kandi azoramvurira inkoni yiwe hejuru y’amazi,nk’uko yabigize muri Egiputa.27Kuri uwo musi imitwaro yabo izokurwa ku bitugu vyanyu,ingogo zabo zikurwe ku mazosi yanyu;ingogo izovunikakuko muzoba mwaravyibushe cane.
28Ehe raba Abashuri bageze muri Ayiyati;baciye i Miguroni,i Mikimashi bahagize ububiko bw’ibikoresho vyabo.29Bariko barajabuka,bavuga bati: “Tuza gucumbika ijoro ryose i Geba.”Ab’i Rama barajugumiye,ab’i Gibeya kwa Sawuli barahunze.30Semerera yewe Mukobwa w’i Galimu!Umviriza yewe Layisha,nawe Anatoti wigorewe!31Ab’i Medimena bariko barahunga,ab’i Gebimu barinyegeje.32Ariko uwo musi bazogira ikambi i Nobu,baforere ingumu umukobwa w’i Siyoni,ku musozi wa Yerusalemu.
33Ehe raba, Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,azotemaguza amashami inkomezi ziwe zihambaye.Ibiti birusha ibindi uburebure bizotemwa,birebire na vyo bicishwe bugufi.34Azotemesha incabiti amashamba akomeye,Libani hazokubitwa hasi n’Umunyenkomezi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e