Yesaya9
1Naho biri uko, umwijima ntuzokwamaho ibihe vyose ku bari mu mubabaro. Muri kahise yacishije bugufi intara ya Zebuloni n’iya Nafutali. Ariko muri kazoza azotera iteka inzira ija ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’Abanyamahanga.2Abantu bahora bagendera mu mwijimababonye umuco mwinshi.Ababa mu gihugu c’umwijima w’umuzitanyabakiwe n’umuco mwinshi.3Waragwije ihanga,wongereza umunezero w’abantu baho;banezererewe imbere yawe,nk’uko abantu banezerwa mw’iyimbura,nk’uko abagwanyi banezerwaiyo bariko baragabura iminyago.4Kuko umutwaro wahora ubaremereye,ikimoko bakubitwa ku mugongon’inkoni bakubitwa n’uwabacinyiza,wabivunaguye,nk’uko wabigiriye Abamidiyani.5Ibirato vyose vyambawe mu ntambara,n’impuzu yavumbagajwe mu maraso,bizoturirwa,bitongorwe n’umuriro.6Kuko umwana avutse ku neza yacu,duhawe umwana w’umuhungu,ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe.Azokwitwa Umujenama w’igitangaza,Imana ikomeye,Data ahoraho, Umwami w’amahoro.7Ubutware bwiwe n’amahoro yiwentibizogira iherezo.Azoganzira ku ntebe ya Dawidi,no mu bwami bwiwe,aganzanye ubutungane n’ukugororoka,uhereye ico gihe,gushitsa ibihe vyose.Ishaka ry’Uhoraho Mushoboravyoseni ryo rizobishitsa.
Uhoraho ashavurira Isirayeli
8Uhoraho arungikiye ubutumwa Yakobo,bushika kuri Isirayeli.9Abantu bose bazobimenya;baba Abefurayimu canke ababa i Samariya,ari bo bavugana ubwibone,bagakomantaza imitima, bavuga bati:10“Amatafari yarakoraguritse,ariko tuzosubira tugisanuze amabuye abaje.Ibiti vy’imisukomora vyariciwe,ariko tuzobisubiriza amasederi.”11Ariko Uhoraho azobaneshesha umwansi wabo Rezini,kandi azokwongerereza ububasha abansi babo.12Abasiriya bo mu buseruko n’Abafilisitiya bo mu burengero,bazokwasama babatabagure.Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.13Ariko abo bantu ntibagarutse ku wabahanye,ntibarondeye Uhoraho Mushoboravyose.14None rero, ku musi umwe wonyene, Uhoraho azoca Isirayeli umutwe n’umurizo,ikigazi n’irenga abicire amababi umusi umwe.15Abatware n’abahambaye muri Isirayeli ni bo mutwe,abavugishwa b’ibinyoma na bo ni bo murizo.16Abarongora abo bantu barabayobeza,abayobowe na bo barazimijwe.17Uhoraho ntazonezererwa abasore,kandi ntazogirira impuhwe impfuvyi n’abapfakazi.Kuko bose bahevye Imana, bagakora ibibi;akanwa kabo kavuga ububeshi gusa.Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.18Erega ubugarariji buturira nk’umuriro,utongora imikere n’amahwa,ugatuma ishamba rinini rirurumba,umwotsi ugapfunduka umeze nk’igicu mu kirere.19Uburake bw’Uhoraho Mushoboravyosebutumye igihugu gitongorwa,abantu biwe bamera nk’inkwi zo gucana.Abantu bazoryana ata kubabarirana.20Bazoshikura i buryo ariko bagume bashonje.Bazorya i bubamfu, na ho nyene ntibahage.Mu mperuka, abantu bazorya n’inyama z’abana babo.21Manase azorya Efurayimu, Efurayimu na we arye Manase.Bompi bazohindukira batere Yuda.Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.Biblica, Inc.