Ezira1

Kuro afasha abatwawe nk’inyagano gusubira iwabo

1Mu mwaka wa mbere Kuro ari umwami w’Ubuperesi, Uhoraho kugira ngo ashitse ijambo yari yaravuze aciye kuri Yeremiya, akangura umutima wa Kuro umwami w’Ubuperesi na we atanga mu bwami bwiwe itegeko ryanditswe rivuga ngo:
2“Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi avuze:
‘Uhoraho, Imana yo mw’ijuru, yampaye ubwami bwose bwo mw’isi kandi yantoranije ngo ndamwubakire Ingoro i Yerusalemu i Buyuda.
3Umuntu wese wo mu bantu biwe ari muri mwebwe naduge i Yerusalemu i Buyuda yubake Ingoro y’Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ari yo Mana iri i Yerusalemu. Imana yiwe ibane na we.4Kandi abantu bose babana n’abo bacitse kw’icumu babahe inzahabu, ifeza, n’ubundi butunzi n’imikuku, hamwe n’ivyo umuntu ashikana avyishakiye ku bw’iyo Ngoro y’Imana i Yerusalemu.’ ”
5Nuko abakuru b’imiryango y’Abayuda n’Ababenyamini, n’abaherezi hamwe n’Abalewi, n’umuntu wese Imana yakoze ku mutima, bitegurira kuduga ngo bubake Ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu.6Ababanyi babo bose babafashisha ibikoresho vy’ifeza, vy’inzahabu, ubundi butunzi n’imikuku, n’izindi ngabire z’agaciro, vyiyongera ku mashikanwa abantu batanze n’umutima ubikunze.
7Vyongeye, umwami Kuro asohora ibikoresho vyakora mu Ngoro y’Uhoraho, ivyo Nebukadineza yari yaranyaze abikuye i Yerusalemu akabishira mu ngoro y’ikigirwamana ciwe.8Kuro umwami w’i Buperesi yari yarabitumye Mitiredati umuzezwabintu, na we arabiharura abishikiriza Sheshubazari umuganwa w’i Buyuda.9Uru ni urutonde hamwe n’ibitigiri vyavyo:
amasiniya y’inzahabu mirongo itatu, amasiniya y’ifeza igihumbi, amapanu y’ifeza mirongo ibiri n’icenda,
10ibikombe vy’inzahabu mirongo itatu, ibikombe bitobito vy’ifeza amajana ane na cumi, n’ibindi bikoresho igihumbi.
11Vyose na vyose, vyari ibikoresho ibihumbi bitanu n’amajana ane vy’inzahabu n’ifeza.
Sheshubazari azana ivyo vyose ari kumwe n’abavuye mu kinyago batashe bavuye i Babiloni baja i Yerusalemu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e