Ezira2

Urutonde rw’abatashe bavuye mu kinyago

1Uru ni rwo rutonde rw’abantu bo muri iyo ntara baduze bavuye mu kinyago, abo Nebukadineza umwami w’i Babiloni yari yarajanye nk’inyagano i Babiloni. Abo ni bo bagarutse i Yerusalemu n’i Buyuda, umwe wese aca aja mu gisagara c’iwabo.2Bari baherekejwe na Zerubabeli, Yesuwa, Nehemiya, Seraya, Reyelayiya, Moridekayi, Bilushani, Misipari, Bigivayi, Rehumu na Bayana.
Urutonde rw’abagabo bo mu Bisirayeli ni uru:
3Abakomoka kuri Paroshi ni ibihumbi bibiri n’ijana na mirongo indwi na babiri.4Abakomoka kuri Shefatiya, ni amajana atatu na mirongo indwi na babiri.5Abakomoka kuri Ara ni amajana indwi na mirongo indwi na batanu.6Abakomoka kuri Pahati-Mowabu (biciye kuri Yesuwa na Yowabu) ni ibihumbi bibiri n’amajana umunani na cumi na babiri.7Abakomoka kuri Elamu ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane.8Abakomoka kuri Zatu ni amajana icenda na mirongo ine na batanu.9Abakomoka kuri Zakayi ni amajana indwi na mirongo itandatu.10Abakomoka kuri Bani ni amajana atandatu na mirongo ine na babiri.11Abakomoka kuri Bebayi ni amajana atandatu na mirongo ibiri na batatu.12Abakomoka kuri Azigadi ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo ibiri na babiri.13Abakomoka kuri Adonikamu ni amajana atandatu na mirongo itandatu na batandatu.14Abakomoka kuri Bigivayi ni ibihumbi bibiri na mirongo itanu na batandatu.15Abakomoka kuri Adini ni amajana ane na mirongo itanu na bane.16Abakomoka kuri Ateri, biciye kuri Hezekiya ni mirongo icenda n’umunani.17Abakomoka kuri Bezayi ni amajana atatu na mirongo ibiri na batatu.18Abakomoka kuri Yorahi ni ijana na cumi na babiri.19Abakomoka kuri Hashumi ni amajana abiri na mirongo ibiri na batatu.20Abakomoka kuri Gibari ni mirongo icenda na batanu.21Abantu b’i Betelehemu ni ijana na mirongo ibiri na batatu.22Abantu b’i Netofa ni mirongo itanu na batandatu.23Ab’i Anatoti ni ijana na mirongo ibiri n’umunani.24Ab’i Azimaveti ni mirongo ine na babiri.25Ab’i Kiriyati-Yeyarimu, Kefira na Beroti ni amajana indwi na mirongo ine na batatu.26Ab’i Rama n’i Geba ni amajana atandatu na mirongo ibiri n’umwe.27Ab’i Mikimashi ni ijana na mirongo ibiri na babiri.28Ab’i Beteli n’i Hayi ni amajana abiri na mirongo ibiri na batatu.29Ab’i Nebo ni mirongo itanu na babiri.30Ab’i Magibishi ni ijana na mirongo itanu na batandatu.31Ab’i Elamu handi ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane.32Abakomoka kuri Harimu ni amajana atatu na mirongo ibiri.33Abakomoka kuri Lodi, Hadidi na Ono ni amajana indwi na mirongo ibiri na batanu.34Ab’i Yeriko ni amajana atatu na mirongo ine na batanu.35Abakomoka kuri Senaya ni ibihumbi bitatu n’amajana atandatu na mirongo itatu.
36Abaherezi: Abakomoka kuri Yedaya biciye mu muryango wa Yesuwa ni amajana icenda na mirongo indwi na batatu.37Abakomoka kuri Imeri ni igihumbi na mirongo itanu na babiri.38Abakomoka kuri Pashuri ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo ine n’indwi.39Abakomoka kuri Harimu ni igihumbi na cumi n’indwi.
40Abalewi: abakomoka kuri Yesuwa biciye kuri Kadimiyeli mu ruvyaro rwa Hodaviya ni mirongo indwi na bane.
41Abacuraranzi: abakomoka kuri Asafu ni ijana na mirongo ibiri n’umunani.
42Abarinzi b’irembo ry’urusengero: abakomoka kuri Shalumu, Ateri, Talumoni, Akubu, Hatita na Shobayi ni ijana na mirongo itatu n’icenda.
43Abakozi bo mu Ngoro: abakomoka kuri Ziha, Hasufa, Tabawoti,44Kerosi, Siyaha, Padoni,45Lebana, Hagaba, Akubu,46Hagabu, Shamulayi, Hanani,47Gideli, Gahari, Reyaya,48Rezini, Nekoda, Gazamu,49Uza, Paseya, Besayi,50Asina, Meyunimu, Nefusimu,51Bakibuki, Hakufa, Harihuri,52Baziluti, Mehida, Harisha,53Barikosi, Sisera, Tema,54Neziya na Hatifa.
55Abakomoka ku bakozi ba Salomo: abakomoka kuri Sotayi, Hasofereti, Peruda,56Yayala, Darukoni, Gideli,57Shefatiya, Hatili, Pokereti-Hazebayimu na Ami.58Abakozi bo mu Ngoro n’abakomoka ku bakozi ba Salomo bose hamwe ni amajana atatu na mirongo icenda na babiri.
59Aba bakurikira baduze bavuye mu bisagara vya Teli-Melahi, Teli-Harusha, Kerubi, Adoni na Imeri, ariko ntibashoboye kwerekana ko imiryango yabo ikomoka ku Bisirayeli.60Abakomoka kuri Delaya, Tobiya na Nekoda ni amajana atandatu na mirongo itanu na babiri.
61Mu baherezi: abakomoka kuri Habaya, Hakozi na Baruzilayi (umugabo yari yarongoye umukobwa wa Baruzilayi Umunyagileyadi agaca yitirirwa iryo zina nyene).
62Abo ni bo barondeye intonde za ba sekuruza b’imiryango yabo, ariko ntibashobora kuzironka, maze baca bakurwa mu gikorwa c’ubuherezi nk’abahumanye.63Umukuru w’intara, aca abategeka kutarya ivyejejwe gushika haje umuherezi agasiguza Uhoraho akoresheje Urimu na Tumimu.
64Igitigiri c’abantu bose cari ibihumbi mirongo ine na bibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu,65ukuyemwo ibihumbi indwi n’amajana atatu na mirongo itatu n’indwi vy’abagurano n’abaguranokazi; kandi bari bafise abagabo n’abagore b’abaririmvyi amajana abiri.66Bari bafise amafarasi amajana indwi na mirongo itatu n’atandatu, inyumbu amajana abiri na mirongo ine na zitanu,67ingamiya amajana ane na mirongo itatu na zitanu n’indogoba ibihumbi bitandatu n’amajana indwi na mirongo ibiri.
68Bamaze gushika ku Ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu, bamwe bo mu bakuru b’imiryango batanga amashikanwa bavyishakiye kugira ngo aze yubake Ingoro y’Imana aho yahora.69Bakurikije uburyo bafise, batanze mu bubiko bw’iki gikorwa ingero dariki ibihumbi mirongo itandatu n’imwe z’inzahabu, ingero mina ibihumbi bitanu z’ifeza, n’impuzu z’abaherezi ijana.
70Abaherezi, Abalewi, abarinzi b’irembo, abaririmvyi n’abakozi bo mu Ngoro, bari kumwe n’abandi bantu hamwe n’Abisirayeli bose baja kuba mu bisagara vyabo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e