Ezekiyeli19

Gucura intimba ku bw’abaganwa ba Isirayeli

1Cura intimba uririre abaganwa ba Isirayeli,2uvuge uti:“Nyoko yari iki?Yari intare y’ingore yibera hagati mu ntare!Yiryamira hagati muri zo,ikonsa ibibuguru vyayo.3Yareze ikibuguru kimwe,kiba intare ikomeye.Imenya guhiga,ndetse irya n’abantu.4Amahanga na yo yumva ivyayo,maze igwa mu mutego wayo.Ayikwegesha igera,ayijana mu gihugu ca Egiputa.
5Ya ntare y’ingore iyirindiriye ikayibura,ivyizigiro vyayo birahera.Ica ifata ikindi kibuguru cayo,irakirera ikigira intare ikomeye.6Yagendana n’izindi ntare,maze iba umukangara w’intare ikomeye.Nuko imenya guhiga,ndetse itangura no kurya abantu.7Iyo ntare isenyagura ibirimba,itikiza n’ibisagara vyaho.Imirima icika ibisanze, ibiterwa biratikira.Ababa muri ivyo bihugu bose baterwa ubwoba n’ukuroha kwayo.8Ayo mahanga aza kuyigwanya,aturutse impande zose.Bayitega urusenga,igwa mu mutego wabo.9Bayikwegesha igera bayugaranira mu kazu gatoya,bayishira umwami w’i Babiloni.Bayishira mw’ibohero,ugutontoma kwayo ntikwaba kucumvikanaku misozi ya Isirayeli.
10Nyoko yari ameze nk’umuzabibu uri mw’itongo,watewe i ruhande y’amazi menshi;warama kandi wari wuzuyeko amashami,kuko waronka amazi akwiye.11Amashami yawo yari akomeye,yari abereye kuvamwo inkoni z’abarongozi.Urakura uba muremure,ushika hejuru y’ibindi biti.Waraboneka gusumba ibindi kuko wari muremure,ukagira n’amashami menshi.12Ariko waranduranywe uburake,utererwa i musozi,umuyaga wo mu buseruko urawumisha,uhungurura ivyamwa vyawo;amashami yawo aruma,umuriro na wo urayatongora.13None ubu uwo muzabibu utewe mu bugaragwa,mu gihugu kitagira amazi.14Maze umuriro uturuka muri ya mashami,utongora ivyamwa vyawo vyose.Nta mashami akomeye yovamwo inkoni z’abamiyasigaye kuri wo.Ukwo ni kwo gucura intimba, gukoreshwa igihe cakwo.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e