Kuvayo39

Bakora ivyambarwa vy’ubuherezi

1Abahinga karuhariwe bakorera Aroni imyambaro myiza yejejwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’ivyo azokwambara ariko arakora igikorwa c’ubuherezi, babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.

Bakora Efodi

2Bakora efodi mu nyuzi z’inzahabu, iz’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza.3Bafashe inzahabu barazihonda n’inyundo gushika aho baronka ibati rihwahutse, baricagaguramwo udutsinga, batwongera mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere, bikorwa n’abahinga karuhariwe.4Efodi yari igizwe n’ibitambara bibiri, kimwe c’inyuma n’ikindi c’imbere, bigafatanirizwa ku mfuruka zavyo ku bitugu kugira ngo bigume.5Umukanda wo kuyikenyeza wari ukozwe ku buhinga mu gitambara cayo, bifatanijwe. Wari usharijwe n’inzahabu, uriko inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, kandi bayikora nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
6Batunganya utubuye tw’agaciro twitwa onigisi badutera ku dusharizo tw’inzahabu batwandikako amazina y’abana ba Isirayeli nka kurya bandika ku kidodo.7Utwo dusharizo baca badutera kuri vya bitambara vya efodi bifatanira ku bitugu, ngo tuzobe utubuye tw’icibutso ku Bisirayeli nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

Bashona umufuko wo mu gikiriza

8Bashona n’umufuko wo mu gikiriza, ushonwa n’abahinga karuhariwe. Na wo nyene bawujisha nk’uko bajisha efodi, mu nyuzi z’inzahabu zongewe mu z’ubururu, izitukura, izitukura cane, n’izera derere zihinze neza.9Wari umufuko ushonywe mu gitambara kizinzemwo kabiri, ufise impande zine zingana, uruhande rwose rungana n’ingero imwe y’intoke. 10Bawuterako imirongo ine y’utubuye tw’agaciro. Umurongo wa mbere wari ugizwe n’utwitwa saruduwane, topazi na emerode;11uwa kabiri wari ugizwe n’utwitwa turikwaze, lapisi lazuli na diyama;12uwa gatatu wari ugizwe n’utwitwa yasente, agate, na ametisite;13mu wa kane harimwo utwitwa kirizolite, onigisi, na yasipi. Twagenda twomekwa ku dusharizo tw’inzahabu.14Twari utubuye icumi na tubiri mu bwoko bumwebumwe bwose, kamwekamwe kw’izina ry’umuryango w’Abisirayeli, kandi izina ry’uwo muryango ryari ryanditswe nk’uwandika ku kidodo.
15Uwo mufuko wo mu gikiriza bawukorera imigufu mu nzahabu itavanze, imeze nk’imigozi ihinze.16Bacura udusharizo tubiri n’imiringa ibiri y’inzahabu, iyo miringa ibiri bayitera ku mfuruka zibiri zo hejuru ya wa mufuko wo mu gikiriza.17Ya migufu na yo bayifatisha kuri iyo miringa iri ku mfuruka z’uwo mufuko,18maze iyindi mitwe y’iyo migufu bayifatanya na twa dusharizo duteye kuri ca gitambara ca efodi co mu bitugu, duteye amaja imbere.19Bongera bacura n’iyindi miringa ibiri, bayishira ku zindi mfuruka zibiri za wa mufuko wo mu gikiriza, ku ruhande rw’imbere ahahereranye na efodi.20Bacura iyindi miringa ibiri y’inzahabu, bayifatisha musi ya vya bitambara bibiri vya efodi bihurira ku bitugu, ku ruhande rw’imbere, hafi y’aho bihurira hejuru gato y’umukanda wa efodi.21Bafatanya ya miringa ya ya mpuzu yo mu gikiriza, bayifatanya n’imiringa ya efodi n’umugozi usa n’ubururu ufatanye n’uwo mufuko n’umukanda, gutyo ntuze urazungazunga ariko ngo ufate kuri efodi. Nuko babikora nk’uko Mose yabibategetse.

Bakora n’ibindi vyambarwa vy’ubuherezi

22Bashona ikanzu yo kwambarirako Efodi mu gitambara kimwe gisa n’ubururu,23bayiha intoboro hagati na hagati, bayibaririrako akandi kajishano kayikikuje, kugira ngo iyo kanzu ntizohereho itabuka.24Umusozo w’iyo kanzu bawuterako udusharizo dusa n’ivyamwa vy’amakomamanga mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera zihinze neza.25Bacura n’udukengeri mu nzahabu itavanze, badufatisha ku ntango, hagati ya twa dusharizo tw’amakomamanga.26Utwo dukengeri twaza turakurikirana na twa dusharizo, bikikuje umusozo w’iyo kanzu yo kwambarwa n’umuherezi nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.
27Bashonera Aroni n’abahungu biwe imyambaro isharijwe n’amabara mu nyuzi zera derere.28Bashona n’igitambara co kwizingira mu mutwe, bagishona mu nyuzi zera, hamwe n’impuzu zo musi, zijishwa mu nyuzi zera zihinze neza.29Igitambara co mu bitugu kimanuka imbere cari kijishwe mu nyuzi zera zihinzwe neza, iz’ubururu n’izitukura nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.
30Maze bacura agasharizo kabase mu nzahabu itavanze kameze nk’ishurwe, bakandikako nk’uwandika ku kidodo bati:
Yerejwe Uhoraho.
31Baca bakambika umugozi usa n’ubururu bagafatisha kuri ca gitambara co kwambara mu mutwe, nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.

Mose asuzuma ibikoresho vy’Ihema ry’Ibonaniro

32Uko ni ko ibikorwa bijanye n’Ihema ry’Ibonaniro vyarangiye. Abisirayeli bakoze vyose nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.33Maze bazanira Mose iryo hema:
ivyo kuripfuka n’ibijanye na vyo, ibikwashu, imbaho, ibiti vy’imitambikwa, inkingi n’ivyo zishingwako;
34ivyo kurenzako bikozwe mu nsato z’intama zizize mu gahama n’izindi nsato z’agaciro hamwe n’ibitambara vyo gukinga Ahera Cane;35bazana Isandugu y’Isezerano n’imyamba yo kuyirerura n’umupfundikizo wo guhongerako;36imeza n’ibikoresho vyose vyo kuri iyo meza, hamwe n’imikate y’ishikanwa;37bazana n’igiterekwako amatara gicuzwe mu nzahabu itavanze, n’amatara yaco hamwe n’ibijana na co vyose, n’amavuta ya elayo yo gucana mu matara;38igicaniro gikozwe mu nzahabu, amavuta yo kurobanura, ibitamirana, igitambara co gukinga urwinjiriro rw’Ihema;39igicaniro gikozwe mu mwakaka, ico kwokerezako gikozwe mu mwakaka nyene, imyamba yo kukirerura, ibikoresho bijana na co; ibesani yo gukarabiramwo n’ivyo iterekwako;40igitambara co kumanika ngo gipfuke urugo, inkingi zaco n’ivyo zishingwako, igitambara co mu rwinjiriro rw’urugo, imigozi, imambo z’urugo n’ibikoresho vyose bikenewe mw’Ihema ry’Ibonaniro;41imyambaro y’abaherezi harimwo iyejejwe ya Aroni hamwe n’iy’abahungu biwe bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi.
42Abisirayeli bakoze vyose nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.43Mose asuzuma ibikorwa vyose asanga babikoze nk’uko Uhoraho yabitegetse, aca arabahezagira.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e