Kuvayo40
Ihema ry’ibonaniro ryubakwa
1Uhoraho abarira Mose ati:2“Ku musi wa mbere w’ukwezi, uzoshinge iryo hema, ari ryo Hema ry’Ibonaniro.3Uzoryinjizemwo Isandugu y’Isezerano, urikingirize ca gitambara.4Uzokwinjizemwo na ya meza n’ibikoresho vyayo vyose, wongere winjizeyo na kimwe co guterekako amatara, ugishireko n’amatara yaco.5Ca gicaniro co guturirirako imibavu gikozwe mu nzahabu ugishire imbere y’Isandugu y’Isezerano hanyuma umanike ca gitambara ku rwinjiriro rw’ihema.6Igicaniro co guturirirako ibimazi na co ugishire imbere y’Ihema ry’Ibonaniro,7uce ushira na ya besani yo gukarabiramwo hagati y’ico gicaniro n’Ihema ry’Ibonaniro, hanyuma uyuzuze amazi.8Uce wubaka urugo rukikuje Ihema, ushire igitambara ku rwinjiriro rw’urugo.9Wongere ufate ya mavuta yo kurobanura uyarobanuze Ihema n’ibiri muri ryo vyose, na vyo bizoca biba ivyejejwe.10Urobanure n’igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibikoresho vyaco vyose, uceze na co kizoba cejejwe cane.11Urobanure na ya besani n’ivyo ihagazeko, uvyeze.12Uce uzana Aroni n’abahungu biwe baze ku rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, ubogeshe ya mazi.13Aroni uce umwambika vya vyambarwa vyejejwe, umurobanuze amavuta, umweze kugira ngo ankorere igikorwa c’ubuherezi.14Uzane n’abahungu biwe ubambike imyambaro yabo.15Ubarobanure nk’uko warobanuye sewabo, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Ukwo kurobanurwa kuzobaha ubuherezi buzokwamaho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana.”16Mose akora ivyo vyose nk’uko Uhoraho yabimutegetse.17Nuko rya hema rirashingwa ku musi wa mbere w’ukwezi, mu kwezi kugira kabiri kw’umwaka.18Mose amaze gushinga iryo hema, ategura ibishingwako inkingi, ategura imbaho n’ibitambikwa ku nkingi, yongera arashinga n’inkingi.19Maze arenza igitambara kw’ihema, akirenzako ibiripfuka nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.20Afata vya bisate vy’amabuye vy’ivyagezwe abishira mw’isandugu, ayishirako na ya myamba, afata na wa mupfundikizo wo guhongerako awutereka kuri yo.21Aca yinjiza ya sandugu mw’Ihema, amanika na ca gitambara co kuyihisha nk’uko Uhoraho yabimutegetse.22Mose yinjiza na ya meza mw’Ihema ry’Ibonaniro ayishira ku ruhande rwo mu buraruko bw’ihema, hino ya ca gitambara,23yongera ashirako imikate nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.24Atereka na kimwe giterekwako amatara mw’Ihema, aharabana n’imeza ku ruhande rwo hepfo y’ihema,25ashira ayo matara mu kibanza cayo nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.26Mose yinjiza mw’Ihema ry’Ibonaniro ca gicaniro gikozwe mu nzahabu, agitereka hino y’igitambara gikingiriye ahera,27maze acana ibimota neza bitamirana nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.28Hanyuma amanika ca gitambara ku rwinjiriro rw’ihema,29ashira na ca gicaniro co guturirirako ibimazi hafi y’urwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro, agitangirako ibimazi vyo kwoswa, aca agitangirako n’ishikanwa ry’ifu nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.30Atereka na ya besani hagati y’ihema ry’ibonaniro n’igicaniro, ayishiramwo amazi yo gukaraba,31Mose na Aroni n’abahungu biwe ni yo bakarabiramwo iminwe n’ibirenge vyabo.32Ni ho bakaraba igihe cose baba bagomba kwinjira mw’ihema ry’ibonaniro canke bagomba kwegera igicaniro, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.33Mose yongera yubaka urugo rukikuje ihema n’igicaniro, ashira na ca gitambara ku rwinjiriro rw’urugo. Maze Mose aba ararangije ico igikorwa.Ubwiza bw’Uhoraho bwiyerekana
34Nuko igicu gica kiramanuka gitwikira Ihema ry’Ibonaniro, ubwiza bw’Uhoraho buca bwuzura mw’ihema,35Mose ntiyaba akibasha kwinjira mw’Ihema ry’Ibonaniro kuko igicu cari caritwikiriye, ubwiza bw’Uhoraho bwakwiye mw’Ihema.36Igihe cose ico gicu cava kw’ihema, Abisirayeli baca bahaguruka bagafata urugendo bagikurikira.37Ariko mu gihe caba kikiri kuri iryo hema, ntibafata urugendo, bararindira gushika kiduze.38Igicu c’Uhoraho catwikira ihema ku murango, ariko mw’ijoro haza umuriro muri co, Abisirayeli bose babibona, mu rugendo rwabo rwose.Biblica, Inc.