Umusiguzi4
Ibiranga ubuzima
1Narongeye kandi ndaraba mbona agacinyizo kose gakorerwa musi y’izuba:Nabonye amosozi y’abacinyizwa,kandi ata muntu wo kubahoza bafise;ubushobozi bwari bufiswe n’ababacinyiza,kandi nta muntu wo kubahoza bari bafise.2Maze nca ndavuga ko abapfuye,abamaze gupfa,bahiriwe kurusha abazima,kurusha abakiriho.3Ariko uwurusha abo bompi guhirwani uwutarabaho,uwutarabona ikibigikorerwa musi y’izuba.4Kandi nabonye ko ubutame bw’umuntu bwose n’ivyo ashikako vyose bidudubiza biva mu kwipfuza ivya mugenziwe. N’iki na co ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.5Ibipfu bipfunya amaboko yavyobikaba vyiranduye vyo nyene.6Kugira igipfunsi kimwe cuzuye itekane,biruta ibipfunsi bibiri birimwo ubutameno kwiruka inyuma y’umuyaga.7Nongeye kubona ikintu na co nyene ari ubusa musi y’izuba:8Ni umuntu nyamwigendako;atagira umuhungu canke umuvukanyi.Ubutame bwiwe ntibwagira iherezo,ariko amaso yiwe ntiyahazwa n’itunga ryiwe.Yaribajije ati: “Ndiko ndaruhira nde,kandi ni kuki nibuza umunezero?”N’ibi na vyo ni ubusa,ni ibikorwa vy’ubutindi!9Babiri baruta umwe,kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:10Umwe atemvye,mugenziwe ashobora kumuvyura.Ariko haragowe umuntu atembantagire n’umwe wo kumuvyura!11Vyongeye, iyo babiri baryamanye, barasusuruka.Ariko umwe yosusuruka ate?12Ariko nimba umuntu yoshobora kunesha umwe,babiri bashobora kwigwanira. Mbere batatu barushahokuko ikiziriko c’imigozi itatu ntigicika vyoroshe.Iterambere ni ubusa
13Wopfuma ubona umukene akiri muto kandi afise ubwenge, hako ubona umwami ashaje kandi w’igipfu atemera impanuro.14Uwo musore ashobora kuba yavuye mw’ibohero akaba umwami, canke akaba yavukiye mu bukene muri ubwo bwami.15Nabonye ko ababa musi y’izuba bakunda kugenda bakurikira uwo musore iyo babona ari hafi kuja ku ngoma.16Aba ari imbere y’abantu benshi, ariko abo mu runganwe ruzokurikira ntibazomunezererwa. N’ibi na vyo ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.Biblica, Inc.