Umusiguzi3

Ikintu cose gifise igihe caco

1Ikintu cose cashingiwe igihe caco,hari igihe c’igikorwa cose kibera musi y’ijuru:
2igihe co kuvuka n’igihe co gupfa,igihe co gutera n’igihe co kurandura icatewe,3igihe co kwica n’igihe co gukiza,igihe co gusambura n’igihe co kwubaka,4igihe co kurira n’igihe co gutwenga,igihe co kugandara n’igihe co gutamba,5igihe co gusanzaza amabuye n’igihe co kuyegeranya,igihe co kugumbirana n’igihe co kwigirana kure,6igihe co kurondera n’igihe co gutakaza,igihe co kuzigama n’igihe co gushiburira kure,7igihe co gutabura n’igihe co kubarira,igihe co guhora n’igihe co kuvuga,8igihe co gukunda n’igihe co kwanka,igihe c’intambara n’igihe c’amahoro.
9Umukozi yunguka iki mu butame bwiwe?10Nabonye umutwaro Imana yaremetse abantu twese.11Yatumye ikintu cose kiba ciza mu gihe caco. Kandi yashizeho ibihe bidashira mu mitima y’abantu; ariko ntibashobora gutahura ivyo Imana yakoze kuva mu ntango gushika kw’iherezo.12Ndazi ko ku bantu ata kiruta kunezerwa no gukora ivyiza bakiriho.13Iyi ni yo ngabire y’Imana, ni uko umuntu wese arya akanywa, agahimba mu bivuye mu butame bwiwe bwose.14Ndazi ko ivyo Imana ikora bizohoraho ibihe vyose; nta na kimwe cokwongerwako kuri vyo kandi nta na kimwe cokurwako. Imana yabikoze gutyo kugira ngo abantu bayubahe.15Ikiriho cose carigeze kubaho;n’ikizobaho carabayeho kera;kandi Imana ihamagara akahise ngo kagaruke.
16Kandi hari n’ikindi kintu nabonye musi y’izuba:mu gishingo c’imanza zibereye, hari ubukozi bw’ikibi,mu gishingo c’ubutungane, hari ubukozi bw’ikibi.
17Nariyumviriye mu mutima wanje nti:“Imana izoshira mu rubanzaabagororotsi n’abanyakibi,kuko hazoba igihe c’ikintu cose,igihe c’urubanza ku gikorwa cose.”
18Nariyumviriye kandi nti: “n’abantu na bo, Imana irabapima ngo bamenye ko bameze nk’ibikoko.19Ibishikira abantu ni nk’ibishikira ibikoko; nta tandukaniro kuri vyompi: uko kimwe gipfa ni ko n’ikindi gipfa. Vyose bifise impwemu zimwe; nta co umuntu arushije igikoko. Vyose ni ubusa.20Vyose bija mu kibanza kimwe; vyose biva mu mukungugu, kandi bigasubira mu mukungugu.21Ni nde azi ko impwemu z’abantu ziduga mw’ijuru, canke impwemu z’ibikoko zimanuka zija i kuzimu?”
22Nuko mbona ko ata kintu kiruta ko umuntu anezererwa igikorwa ciwe, kuko ari vyo yagerewe. None ni nde azomuha kubona ibizobaho inyuma yiwe?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e