Amosi1
1Aya ni amajambo yahawe Amosi, umwungere w’i Tekowa i Buyuda. Ayo majambo yayaronse mu vyo yeretswe imyaka ibiri imbere y’uko haba nyamugigima, hakaba hari ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, n’iya Yerobowamu mwene Yowashi umwami wa Isirayeli.2Yavuze ati:“Uhoraho yivuze ari i Siyoniaturagara ari i Yerusalemu;uburagiro bw’abungere buruma,kandi ku gatwe ka Karumeli harakabirana.”
Imanza zizocirwa ibihugu bibanyi vya Isirayeli
3Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vya Damasiko,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!Kuko basekuje abantu banje b’i Gileyadiimihini y’ivyuma.4Nzorungika umuriro ku nzu ya Hazayelikandi uzotongora impome zikomeye za Beni-Hadadi.5Nzohomvorera hasi amarembo y’i Damasiko;nzokwica umwami ari mu kiyaya ca Avenin’uwufise inkoni yo kuganza ari i Beti-Edeni.Abantu b’i Siriya bazojanwa ari inyagano i Kiru,”ni ko Uhoraho avuze.6Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vy’i Gaza,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!Ko bafashe abantu bo mu mihana yose bakabagira imbohemaze bakabagurisha kuri Edomu;7nzorungika umuriro ku mpome z’i Gazautongore impome zikomeye zaho.8Nzorandura umwami w’i Ashidodin’uwufise inkoni yo kuganza w’i Ashikeloni.Nzohindukiza ukuboko kwanje ngwanye Ekuroni,gushika uwa nyuma wo mu Bafilisitiya apfuye,”uko ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.9Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vya Tiro,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!Kuko bafashe abantu bo mu mihana yosebakabagira imbohe bakabagurisha ku Banyedomu,ntibubahiriza isezerano ry’uko ari abavukanyi.10Ku bw’ivyo nzorungika umuriro ku mpome z’i Tiro,utongore impome zaho zikomeye.”11Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vya Edomu,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye.Ko yakinagije umuvukanyi wiwe Isirayeli n’inkotaagasogota abagore bo mu gihugu,kandi uburake bwiwe bukaziriringa urudaca,ubushangashirwe bwiwe bukarurumba ntibuhwame;12nzorungika umuriro i Temaniutongore impome zikomeye z’i Bozira.”13Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vya Amoni,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!Kuko bafomoye inda z’abagore bibungenze b’i Gileyadikugira ngo bagure imbibe zabo.14Nzorungika umuriro ku mpome z’i Rabautongore impome zikomeye zahomu gihe hazoba hari akamo k’intambara,intambara imeze nk’umuyaga w’igihuhusi.15Umwami waho azojanwa ari inyagano,we hamwe n’abaganwa biwe bose,”uko ni ko Uhoraho avuze.Biblica, Inc.