Amosi2
1Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vya Mowabu,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!Ko batongoje umuriro bagahindura umunyotaamagufa y’umwami w’i Edomu,2nzorungika umuriro kuri Mowabuuzotongora impome zikomeye z’i Keriyoti.Abanyamowabu bazohindikirana bicwe n’igihumura,kubera urwamo rw’intambara no kuvuza inzamba.3Nzorandura umwami waho,kandi nzomwicana n’abaganwa baho,”ni ko Uhoraho avuze.4Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vya Yuda,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!Kuko bateye ibitugu ivyagezwe vy’Uhorahontibitondera ivyo yihanikirije,bazimizwa n’imana z’ibinyoma,izo ba sekuruza bakurikiye.5Ni co gituma nzorungika umuriro kuri Yudauzotongora impome zikomeye z’i Yerusalemu.”
Urubanza ruzocirwa Isirayeli
6Uku ni ko Uhoraho avuze:“Kubera ivyaha bitatu vya Isirayeli,mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!Bagurisha uwutagira icaha ku giciro c’ifeza,n’umukene bakamugurisha umwambaro umwe w’ibirato.7Basiribanga umutwe w’umukenenk’uko basiribanga umukungugubakarenganya urubanza rw’impahazwa.Umuhungu na se basangira umugore mu busambanyi bwabobagatukisha izina ryanje ryera.8Baryama i ruhande y’igicaniro cose,bakisasira impuzu batse abakene kw’ingwati.Kandi mu nzu y’imana zabo,banywa umuvinyu batse abo baciriye imanza.9Ariko naranduye Abamori mu maso yabo,naho mu burebure bwabo bari bameze nk’ibiti vy’amasederimu gukomera na ho bari bameze nk’ibiti vy’inganzamarumpu.Nahoneje ivyamwa vyari hejuru ku mashamindandura n’imizi yabo mu kuzimu!10Nabaduganye ndabakura muri Egiputandabarongora imyaka mirongo ine mu bugaragwango ndabahe igihugu c’Abamori.11Kandi nahagurukije abavugishwa nanje bo mu bana banyun’Abanaziri mu misore yanyu.Mbega ivyo si ivy’ukuri, ga yemwe bantu ba Isirayeli?”ni ko Uhoraho avuze.12“Ariko mwahatiye Abanaziri kunywa umuvinyu,mutegeka abavugishwa nanje kudakura ururimi mu kanwa.13None rero ngiye kubasiribangank’uko umukogote usiribanga isi iyo wiremetse ingano.14Uwuzi kwiruka cane ntibizomukiza,n’umunyenkomezi ntazokwikiza kubera inkomezi ziwe,kandi n’umuhizi mu ntambara ntazokwikiza.15Uwurasisha umuheto ntazoshobora guhagarara,uwunyaruka mu kwiruka ntazoshobora kwiruka ngo anyage amagara yiwe,kandi n’uwugendera kw’ifarasi ntazokwikiza.16Mbere, n’umuhizi mu ntambara,kuri uwo musi azohunga ata co yambaye,”ni ko Uhoraho avuze.Biblica, Inc.