2 Ngoma10

Abisirayeli bagarariza Rehobowamu

1Rehobowamu aja i Shekemu aho Abisirayeli bose bari bakoraniye kugira ngo bamwimike abe umwami.2Yerobowamu mwene Nebati avyumvise ari muri Egiputa, aho yari yarahungiye umwami Salomo, aca aragaruka.3Nuko batumako Yerobowamu, maze we n’Abisirayeli bose baja aho Rehobowamu ari bamubwira bati:4“So yadutwaje umukazo, none turagusavye utugabanirize umuruho w’ibikorwa bigoye yadutegetse gukora, natwe tuzoba abasavyi bawe.”
5Rehobowamu abishura ati: “Muze mugaruke haciye imisi itatu.” Nuko abo bantu baca baragenda.
6Umwami Rehobowamu aca agisha inama abatware bakoranye na se Salomo akiriho. Arababaza ati: “Mungiriye inama ki? Aba bantu ndabishure iki?”
7Na bo baramwishura bati: “Niwagirira neza aba bantu ukabanezereza, ukabaha inyishu nziza, bazokwama bagukorera ibihe vyose.”
8Ariko Rehobowamu yanka impanuro abahumure bamuhaye, aca asiguza abasore bakuranye na we bari mu bamukorera.9Arababaza ati: “Mumpanuye iki? Nokwishura iki aba bantu bambwiye bati: ‘Turemurure umutwaro so yaturemetse’?”
10Ba basore bakuranye na we bamwishura bati: “Abo bantu bakubwiye bati, ‘So yaturemetse imitwaro ituvuna, ariko weho uturemurure iyo mitwaro’; babwire uti, ‘Urutoke rwanje rw’uruhererezi rusumvya ubunini umugongo wa data.11Data yabaremereje ibikorwa vyinshi, ni ko: ariko jeho nzobibaremereza gusumba. Data yabakubitisha ikimoko, jeho nzobarisha sikoropiyo!’ ”
12Haheze imisi itatu, Yerobowamu na ba bantu bagaruka kuraba umwami Rehobowamu, nk’uko yari yabibabwiye, ati: “Muze mugaruke mu misi itatu.”13Maze umwami Rehobowamu abishura abakankamira, kuko yari yanse impanuro yahawe n’abahumure,14akumvira impanuro z’imisore yakuranye na we. Abishura ati: “Data yabaremereje ibikorwa bigoye, jeho nzobibaremereza gusumba. Data yabakubitisha ikimoko, jeho nzobarisha sikoropiyo.”15Nuko umwami ntiyumvira abo bantu, kuko Imana ari yo yatumye vyose bigenda gutyo, kugira ngo Uhoraho ashitse ico yari yarasezeraniye Yerobowamu mwene Nebati, abicishije kuri Ahiya w’i Shilo.
16Abisirayeli bose babonye ko umwami yanse kubumviriza, bishura umwami bati:“Hari umugabane dufise mu muryango wa Dawidi?Nta co twiteze kuronka kuri mwene Isayi.Yemwe Bisirayeli, mwese nimusubire mu ngo zanyu.Nawe Dawidi, urimenya urabe ab’inzu yawe!”Nuko Abisirayeli bose basubira iwabo.17Ariko Abisirayeli bagumye baba mu bisagara vy’i Buyuda, bobo Rehobowamu yagumye abaganza.
18Umwami Rehobowamu arungika Hadoramu yari ajejwe ibikorwa vy’agahato, kugira ngo agarukane umutekano, ariko Abisirayeli bamutera amabuye arapfa. Maze umwami Rehobowamu, yurira umukogote wiwe arahunga aja i Yerusalemu.19Uko ni ko imiryango ya Isirayeli yo mu buraruko yanse kuganzwa n’inzu ya Dawidi gushika n’uwu musi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e