2 Ngoma9

Umwamikazi w’i Sheba aja kuramutsa Salomo

1Umwamikazi w’i Sheba yumvise ingene Salomo ari umuntu ahambaye, aja i Yerusalemu kumugerageresha ibibazo bigoye cane. Ashika ari kumwe n’abamuherekeje benshi, ingamiya zikoreye ibimota neza, inzahabu nyinshi cane, n’amabuye y’agaciro; maze aja aho Salomo ari aganira na we ivyo yiyumvira vyose.2Salomo yishura ibibazo vyose yamubajije, ntihagira na kimwe kimunanira kumusigurira.3Umwamikazi w’i Sheba abonye ubwenge bwa Salomo n’ingoro yubatse,4ivyokurya vyo ku meza yiwe, ivyicaro vy’abatware biwe, abakozi biwe bagabura ku meza n’imyambaro yabo, abamuhereza ivyo kunywa n’imyambaro yabo, n’ibimazi bituriwe yatanga mu Ngoro y’Uhoraho, aratangara cane.
5Abarira umwami ati: “Ivyo numviye mu gihugu canje ku vyerekeye ivyo wakoze hamwe n’ubwenge bwawe, nsanze ari ukuri.6Ariko sinari navyizeye gushika nishikiye hano nkavyibonera n’amaso yanje ubwanje. Mu vy’ukuri, nta n’igice bambwiye c’ingene ubwenge bwawe bungana; birarengeye kure cane ivyo bambwiye.7Erega abantu bawe barahiriwe! Eka n’abagendanyi bawe na bo nyene barahiriwe, bo bama bahagaze imbere yawe imisi yose, bumviriza ivy’ubwenge bwawe!8Uhoraho Imana yawe iragahimbazwa, kuko wayihimbaye maze ikagushira ku ntebe yayo ngo uganze mw’izina ryayo. Ku bw’urukundo Imana yawe ikunda Abisirayeli n’ukugomba kubashigikira ibihe vyose, yakugize umwami ngo ubarongore, kandi ukomeze uguca imanza zibereye no kugororoka.”
9Maze aca ashikanira umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu, ibimota neza vyinshi, n’amabuye y’igiciro. Nta n’umwe yongeye gushikanira umwami ibimota neza bingana n’ivyo umwamikazi w’i Sheba yashikaniye umwami Salomo.
10I ruhande y’ivyo, abantu ba Hiramu n’abantu ba Salomo bazanye inzahabu zo muri Ofiru; bazana n’ibiti vyitwa santali n’amabuye y’igiciro kinini.11Umwami aca akoresha vya biti vya santali mu kwubaka ingazi z’Ingoro y’Uhoraho n’ingoro yiwe, yongera abikoramwo amakembe n’inanga vy’abacuraranzi. Nta bintu vyiza nk’ivyo vyari bwaboneke mu Buyuda.
12Umwami Salomo aha umwamikazi w’i Sheba ivyo yipfuza n’ivyo yasavye vyose; amwihera n’izindi ngabire nk’uko umugenzo w’ubugwaneza bw’umwami Salomo wari uri. Maze arahaguruka asubira mu gihugu ciwe n’abari kumwe na we.

Ubukuru bwa Salomo n’icubahiro ciwe

13Ingabire Salomo yaronka ku mwaka ku mwaka zangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu,14udashizemwo ubundi butunzi yaronka biciye mu makori abadandaza batanga hamwe n’ayava mu bami bose bo muri Arabiya; abatware bo mu gihugu ciwe na bo bakama bamushikanira inzahabu n’ifeza.
15Umwami Salomo acurisha inkinzo nininini amajana abiri mu nzahabu; imwimwe yose itwara shekeli amajana atandatu z’inzahabu.16Acurisha n’izindi nkinzo ntonto amajana atatu mu nzahabu, imwe yose ikajako shekeli amajana atatu z’inzahabu. Umwami aca azibika mu ngoro yise Ikibira c’i Libani.
17Hanyuma umwami akoresha intebe y’ubwami nini isharijwe n’amahembe y’inzovu ayomekako inzahabu ihinguwe neza.18Iyo ntebe yari ifise ingazi zitandatu, n’ico gushirako ibirenge c’inzahabu cari gifatanye na yo. Ku mpande zose z’iyo ntebe hari ivyo gushirako amaboko, kandi hari n’ibishushanyo vy’intare bibiri bihagaze i ruhande y’amaboko.19Hari n’ibindi bishushanyo cumi na bibiri vy’intare, kimwekimwe ku mpera y’ingazi yose muri zimwe zitandatu. Nta ntebe nk’iyo yari bwigere iboneka mu bwami na bumwe.20Ibikombe vyose vy’umwami Salomo vyari bikozwe mu nzahabu, n’ibikoresho vyose vyo mu ngoro yise Ikibira c’i Libani vyari bikozwe mu nzahabu ihinguwe neza. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza, kuko ifeza yafatwa nk’aho ifise agaciro gato mu gihe ca Salomo.21Umwami yari afise amato yo kudandaza yaja i Tarushishi atwawe n’abantu ba Hiramu. Uko imyaka itatu iheze ayo mato yaba agarutse avuye i Tarushishi, azanye inzahabu, ifeza, amahembe y’inzovu, inkende, n’amadendo.
22Maze umwami Salomo aba agahambaye mu butunzi no mu bwenge kurusha abandi bami bose bo kw’isi.23Abami bose bo kw’isi bagomba kubonana na Salomo ngo bumve ubwenge Imana yamuhaye.24Ku mwaka ku mwaka, abaja kumuraba umwe wese yagenda amushikaniye ifeza n’inzahabu, amakanzu, ibigwanisho, ibimota neza, amafarasi, n’inyumbu.
25Salomo yari afise ibibandahori ibihumbi bine vy’amafarasi n’imikogote, n’amafarasi ibihumbi cumi na bibiri. Zimwe yazitungira mu bisagara vy’imikogote, izindi zikaba i Yerusalemu aho yaba.26Yaganza abami bose uhereye ku ruzi Efurate mu buraruko hamwe n’igihugu c’Abafilisitiya, gushika ku rubibe rwa Egiputa mu bumanuko.27Umwami agwiza ifeza i Yerusalemu zisigara zimeze nk’amabuye, imbaho z’agaciro z’amasederi na zo ziragwira zimera nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu biyaya vy’i Buyuda.28Amafarasi ya Salomo yava muri Egiputa no mu bindi bihugu vyose.

Urupfu rwa Salomo

29Ibindi vyabaye ku ngoma ya Salomo, uhereye ku ntango ugashitsa kw’iherezo, mbega vyose ntivyanditswe mu vyagenda biraba vyanditswe na Natani uwavugishwa n’Imana, mu vyavugishijwe na Ahiya w’i Shilo no mu vyeretswe Ido uwerekwa vyerekeye Yerobowamu mwene Nebati?30Salomo yabaye ku ngoma i Yerusalemu aganza Abisirayeli bose kumara imyaka mirongo ine.31Nuko Salomo arapfa ahamvya ba sekuruza; ahambwa mu Gisagara ca se Dawidi. Maze umuhungu wiwe Rehobowamu amusubirira ku ngoma.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e