Guharura27

Abakobwa ba Zelofehadi

1Abakobwa ba Zelofehadi mwene Heferi, umuhungu wa Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, bose bakomoka kuri Manase mwene Yosefu. Amazina y’abo bakobwa yari Mahala, Noha, Hogula, Milika na Tiriza. Baragenda begera2umuryango w’Ihema ry’Ibonaniro bahagarara imbere ya Mose, ya Eliyazeri umuherezi, ya ba bakuru n’ikoraniro ryose, bavuga bati:3“Data yapfiriye mu bugaragwa. Ntiyari mu bakurikiye Kora, bagize akagwi ko kugwanya Uhoraho, ariko yishwe n’icaha ciwe kandi nta bahungu yasize.4None ni co cotuma izina rya data rizimangana mu muryango wiwe ngo ni uko ata muhungu yavyaye? Turasavye umugabane mu bo mu muryango wa data.”
5Nuko Mose ajana ikibazo cabo imbere y’Uhoraho6hanyuma Uhoraho amubwira ati:7“Ivyo abakobwa ba Zelofehadi bavuga ni vyo. Uze ubahe itongo nk’iragi muri ba sewabo, umugabane wa se uwubahe.
8Bwira Abisirayeli uti: ‘umuntu niyapfa adasize umuhungu, umugabane wiwe uze uhabwe umukobwa wiwe.9Niyaba adafise umukobwa, umugabane wiwe uze uhabwe abahungu bavukana na we.10Niyaba adafise abahungu bavukana, uwo mugabane wiwe uze uhabwe abahungu bavukana na se wiwe.11Se wiwe niyaba adafise abahungu bavukana, muze muhe uwo mugabane wiwe uwo mu muryango wiwe wa hafi, kugira ngo awegukire. Iki kize kibe ikintu cemewe n’amategeko mu Bisirayeli, nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.’ ”

Yosuwa Asubirira Mose

12Nuko Uhoraho abarira Mose ati: “Duga uwu musozi wo mu misozi igize Abarimu urabe igihugu ngiye guha Abisirayeli.13Niwamara kukibona, nawe nyene uzohamvya abanyu, nk’uko vyagenze kuri Aroni mukurwawe,14kuko igihe ikoraniro ryagumuka kuri ya mazi yo mu bugaragwa bw’i Zini, mwempi ntimwumviye itegeko ryanje ngo mumpeshe icubahiro nk’Uwera imbere y’amaso yabo.” (Ayo ni ya mazi y’i Meriba i Kadeshi, mu bugaragwa bw’i Zini.)
15Mose abarira Uhoraho ati:16“Icompa Uhoraho, Imana y’impwemu z’abantu bose, agashiraho umuntu wo kurongora ubu bwoko17kugira ngo abaje imbere amaja n’amaza, uwuzobarongora basohotse canke binjira, kugira ngo abantu b’Uhoraho ntibabe nk’intama zitagira umwungere.”
18Nuko Uhoraho abarira Mose ati: “Jana Yosuwa mwene Nuni, umuntu arimwo Mpwemu, umurambikeko ikiganza.19Umuhagarike imbere ya Eliyazeri umuherezi n’ishengero ryose umushikirize ibikorwa imbere yabo.20Umuhe ku bubasha bwawe kugira ngo ishengero ry’Abisirayeli bose baze bamwumvire.21Aze ahagarare imbere ya Eliyazeri umuherezi, kuko ari we azomushikiriza ingingo zivuye k’Uhoraho, azoronka akoresheje ubupfindo bwa Urimu. Ategetse we n’Abisirayeli bose bazosohoka, ategetse bazokwinjira.”
22Mose akora nk’uko Uhoraho yari yamutegetse. Ajana Yosuwa amuhagarika imbere ya Eliyazeri umuherezi n’ikoraniro ryose.23Maze amurambikako ibiganza aca aramutuma, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse biciye muri Mose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e