Hoseya14
Ukwihana kuzana umugisha
1Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu, yemwe Bisirayeli.Kuko ivyaha vyanyu ari vyo vyatumye mugwa!2Nimujane amajambo yanyu yo kwihanamugende k’Uhoraho.Mumubwire muti:“Duharire ivyaha vyacu vyosemaze utwakirane ubuntu,kugira ngo tugushikanire ivyimburwa vy’ishimwe bivuye mu kanwa kacu.3Ashuri ntibashobora kudukiza;canke kwurira amafarasi yacu y’intambara.Ntituzosubira kuvuga tuti: ‘Muri imana zacu,’tubwira ivyo amaboko yacu yakoze,kuko muri wewe honyene ni ho impfuvyi zironka kugirirwa impuhwe.”4“Nzoharira ugusubira inyuma kwanyukandi nzobakundisha umutima wanje wose,kuko uburake bwanje bubavuyeko.5Nzoba nk’ikime ku Bisirayeli;bazoshurika nk’ishurwe ryiza.Bazoshora imizi igere kure mw’ivunk’igiti c’isederi c’i Libani6kandi imivyaro yabo izokura.Ubwiza bwabo buzoba nk’ubw’igiti c’umwelayo,ugutamirana kwabo kuzoba nk’ukw’isederi ry’i Libani.7Abantu bazosubira kuba musi y’igitutu ciwe;bazokura nk’ingano,bashurike nk’imizabibu,kumenyekana kw’Abisirayeli kuzoba nk’ukw’umuvinyu w’i Libani.8Efurayimu we, uracasangiye iki n’ibigirwamana?Nzomwishura kandi nzomwitaho.Nzoba nk’igiti c’isederi cama gitoshe;ivyamwa vyawe biva kuri jewe.”9Ni nde w’umunyabwenge? Natahure ibi bintu.Ni nde afise ubumenyi? Nabimenye.Inzira z’Uhoraho ziragororotse;kandi umugororotsi azozigenderamwo,ariko abagarariji bazozitsitaramwo bagwe.Biblica, Inc.