Yoweli1

1Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Yoweli mwene Petuweli.

Igitero c’inzige

2Nimwumve ibi, yemwe batware;nimwumvirize, yemwe ababa mu gihugu mwese.Mbega hari ikintu nk’iki cari bwigere kiba kuva aho mwabereyeho,canke kuva aho ba sogokuruza banyu babereyeho?3Nimubibwire abana banyu,n’abana banyu bazobibwire abana babo,n’abana babo bazobibwire urunganwe ruzokurikira.4Ivyo inzige zisanzwe zasigaje,inzige nininini zarabiriye;ivyo inzige nininini zasigaje,ivyana vy’inzige vyarabiriyeIvyo ivyana vy’inzige vyasigaje,izindi nzige zarabiriye.
5Nimwikangure, yemwe mborerwa mwe, maze murire!Nimuboroge, yemwe mwa banywi b’umuvinyu mwe;muboroge, kubera umuvinyu mushasha,muwukuwe mu kanwa.6Ihanga riteye igihugu canje,ingabo z’inkomezi zitoharurika;bafise amenyo nk’ay’intare,n’imibangabanga nk’iy’intare y’ingore.7Bahoneje inzabibu zanjekandi barandaguye imisukoni yanje.Barabishishaguye,babishiburira hirya,basiga amashami yera.
8Nimugandare nk’inkumi yambaye igunirairirira umusore yari ayikoye.9Amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwaaraciwe mu Ngoro y’Uhoraho.Abaherezi baragandaye,ari bo bakorera imbere y’Uhoraho.10Imirima irarandaguwe,isi iragadutse;ingano zirahonye,umutobe w’umuvinyu urakamye,n’amavuta ya elayo arabuze.
11Nimwihebure, yemwe barimyi,muboroge yemwe barimyi b’imizabibu;mubabare kubera ingano na sayiri,kuko ivyimburwa vyo mu mirima bisanganguwe.12Umuvinyu urakamyeumusukoni urakabiranye;amakomamanga, ibigazi n’amapome,n’ibiti vyose vy’ivyamwa birumye.Ni ukuri umunezero w’abantuuraheze.

Akamo gatewe abantu ngo bacure intimba

13Nimwambare amagunira, yemwe baherezi, maze mugandare;nimuboroge, yemwe abakorera imbere y’igicaniro.Nimuze mumare ijoro mwambaye amagunira,yemwe abakorera imbere y’Imana yanje;kuko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwabibuze mu Ngoro y’Imana yanyu.14Nimwamamaze ukwisonzesha kwera;nimutumeko ikoraniro ryera.Nimutumeko abatwaren’ababa mu gihugu bosengo baze ku Ngoro y’Uhoraho Imana yanyu,maze batakambire Uhoraho.
15Ewe musi uri aho!Uwo umusi w’Uhoraho uri hafi;uzoza nk’icago gihonya uvuye ku Mana ihambaye.
16Mbega ivyokurya ntivyakuwehoimbere y’amaso yanyu,n’umunezero no guhimbarwabiva ku nzu y’Imana yacu?17Imbuto zumiyemu kuzimu.Ibigega bisigaye ari imisaka,ububiko bw’ingano bwarasambuwe,kuko ingano zaheze.18Ibitungwa biraniha.Amasho arasanzaye hirya no hino;kuko abuze uburagiro;n’imikuku y’intama n’impene ishikiwe n’ivyago.
19Uhoraho, ni wewe ntakambiye,kuko umuriro watongoye uburagiro bwo mu bugaragwan’ibirimi vy’umuriro vyatongoye ibiti vyo mu murima.20N’ibikoko vyo mw’ishamba bihuzagizwa bikurondera;amasoko y’amazi yakamye,umuriro na wo watongoye uburagiro bwo mu bugaragwa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e