Daniyeli2

Indoto za Nebukadineza

1Mu mwaka ugira kabiri ari ku ngoma, Nebukadineza yagize indoto zikomeye zituma vyanka ko asubira gusinzira.2Aca atumako abanyamareba, abapfumu, abarozi n’abaragurisha kuraba inyenyeri, kugira ngo bamubwire ivyo yarose. Bashitse imbere yiwe,3arababwira ati: “Narose indoto kandi yambujije amahoro. Ngomba kumenya ico isobanura.”
4Abaragurisha kuraba inyenyeri baramwishura bati: “Mwami nyaguhoraho, tubwire iyo ndoto twebwe abasavyi bawe, natwe turaheza tukubwire insobanuro yayo.”
5Umwami yishura abaragurisha kuraba inyenyeri ati: “Ng’iyi ingingo nafashe: nimutambwira indoto narose n’insobanuro yayo, muratemagurwa kandi n’inzu zanyu ndazihindura imisaka.6Ariko nimwambwira iyo ndoto n’ingene isobanurwa, ndabaha ingabire nyinshi n’icubahiro cinshi. Nimumbwire rero indoto narose n’ico isigura!”
7Na bongera kwishura umwami bati: “Nyeningoma, ehe tubwire twebwe abasavyi bawe ivyo warose, hanyuma tukumenyeshe ingene bisobanurwa.”
8Umwami arabishura ati: “Ndabona ko muriko muragerageza kuraba ko umwanya woba urahera, kuko mubona ko namaze gufata ingingo.9Ariko nimutambwira ivyo narose, mwese murindiriwe n’igihano kimwe. Mwamaze kuja inama mbi yo kumbesha, mwibaza ko mpava mpindura ingingo nafashe. Ubu rero mimumbwire indoto narose, hanyuma nca menya ko mushobora no kumbwira uko isobanurwa.”
10Abo baragurisha kuraba inyenyeri baramwishura bati: “Nta muntu n’umwe kw’isi ashobora gukora ivyo umwami adutegetse! Kandi nta mwami, uko yoba ahambaye kwose akaba n’agakomeye, yosaba ikintu nk’ico umunyamareba, umupfumu n’uwuragurisha kuraba inyenyeri n’umwe!11Ivyo umwami asavye ntibishoboka. Nta muntu n’umwe yoshobora kukubwira ivyo warose atari imana, kandi izo na zo ntizibana n’abantu.”
12Umwami aca arashavura cane, mbere aca ategeka ko ba kamenyi bose b’i Babiloni bicwa.13Icagezwe c’umwami kimaze gutangazwa ko ba kamenyi bose bicwa, baca barungika abantu kurondera Daniyeli na bagenziwe ngo na bo bicwe.
14Igihe Ariyoki, umukuru w’abacungera umutekano w’umwami yari agiye kwica ba kamenyi, Daniyeli amenya ingene amuvugisha mu bwenge n’ubwitonzi.15Abaza Ariyoki umukuru w’abacungera umutekano w’umwami ati: “Mbega ni kuki umwami yatanze itegeko riteye ubwoba nk’iryo?” Ariyoki aca amusigurira ivyabaye vyose.16Ako kanya Daniyeli aca aja kuraba umwami kugira ngo amusabe umwanya wo kwitegura, hanyuma aze amusobanurire iyo ndoto.
17Daniyeli arataha, abwira bagenziwe Hananiya, Mishayeli na Azariya ivyabaye.18Arabahimiriza ngo basenge cane basabe Imana nyene ijuru ibagirire ubuntu ibamenyeshe iryo banga, kugira ngo ntibicanwe n’abandi ba kamenyi b’i Babiloni.19Iryo joro nyene, Daniyeli ahishurirwa iryo banga mu buryo bw’inzozi. Daniyeli aca ahimbaza Imana yo mw’ijuru,20avuga ati:“Izina ry’Imana rishirwe hejuru ibihe vyose,ubwenge n’ubushobozi ni ivyayo.21Ni yo igera ingene ibihe bikuranwa;ikuraho abami, ikimika abandi.Iha ubwenge abanyabwengen’ugutahura abakurondera.22Ni yo ihishura ibihishijwe,ikamenya ibiri mu mwijimakandi umuco ubana na yo.23Ndagutazira kandi ndaguhimbaza, Mana ya ba sogokuruza,kuko wampaye ubwenge n’ubushobozi,ukampa kumenya ivyo twakubajije,ukatumenyesha indoto y’umwami.”

Daniyeli asobanura ya ndoto

24Maze Daniyeli aca aja kuraba Ariyoki, uwo umwami yari yatumye kwica ba kamenyi b’i Babiloni. Aramubwira ati: “Ntiwice ba kamenyi b’i Babiloni, njana iyo umwami ari ndamumenyeshe ico indoto yiwe isigura.”
25Ariyoki aca ajana Daniyeli iyo umwami ari yihuta, abwira umwami ati: “Naronse umwe mu banyagano b’Abayuda ashobora kukumenyesha ico indoto warose isigura.”
26Umwami abaza Daniyeli, uwo bise Beluteshaza, ati: “Ni ivy’ukuri ko ushobora kumbwira indoto narose n’ingene isobanurwa?”
27Daniyeli yishura umwami ati: “Nta muntu n’umwe yaba kamenyi, umupfumu, umunyamareba canke uwuragura yoshobora kukumenyesha iryo banga;28ariko hariho Imana iba mw’ijuru ishobora guhishura amabanga. Ni yo yahishuriye umwami Nebukadineza ibizoba muri kazoza. Indoto yawe hamwe n’ivyo weretswe vyaciye mu mutwe wawe igihe wari uryamye ku buriri bwawe ni izi:
29Nyeningoma, igihe wari usinziriye, warose ivyerekeye ibihe bizoza kandi iyihishura amabanga yakweretse ibizoba mu gihe kiri imbere.30Ku binyerekeye, iryo banga sinarihishuriwe kubera ndusha abandi ubwenge, ariko ni kubera Imana igomba ko wewe Nyeningoma umenya ico indoto warose isigura kandi utahure ivyiyumviro vyatumye uhagarika umutima.
31Nyeningoma, mu ndoto yawe wabonye igishushanyo kinini gisa n’umuntu gikayangana kandi giteye ubwoba gihagaze imbere yawe.32Umutwe w’ico gishusho wari ugizwe n’inzahabu nziza, amaboko n’igikiriza vyari bigizwe n’ifeza, inda n’urukenyerero vyari bigizwe n’umwakaka,33amaguru yaco yari agizwe n’ivyuma, ibirenge vyaco na vyo bikaba vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba.34Uriko uraraba, wabonye ibuye ridatewe n’umuntu n’umwe rivudutse ku musozi, riraza rikubita ibirenge vya ca gishusho bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba, rirabijanjagura.35Nuko ca cuma na rya bumba, wa mwakaka, ya feza na ya nzahabu vyose bihinduka umukungugu, umuyaga uraza urabitumura, aho vyahora ntihasigara n’akamenyetso kavyo. Ariko iryo buye ryamenaguye ico gishusho rica rirakura, rivamwo umusozi munini wuzura isi yose.
36Iyo ni yo ndoto yawe, ubu na ho ngira ndakubwire uko isobanurwa.37Nyeningoma, wewe uri umwami ahambaye cane mu bandi bami bose. Imana yo mw’ijuru yaguhaye ububasha bwinshi, ubushobozi, inkomezi n’icubahiro.38Yaguhaye gutegeka ahantu hose haba abantu, mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba n’inyoni ibishira musi y’ubutware bwawe. Ni wewe rero uri uwo mutwe w’inzahabu w’ico gishusho.
39Inyuma y’ubwami bwawe, hazoza ubundi bwami butazoba buhambaye nk’ubwawe, hanyuma haze n’ubwa gatatu bugereranywa n’umwakaka kandi na bwo butegeke isi yose.40Hanyuma hazoza ubwami bugira kane, buzoba bukomeye nk’icuma, buzomenagura busanzaze ubwami bwose bwabwitangiye imbere, kurya ivyuma bimenagura bigasanzaza ikintu cose.41Ibirenge n’amano wabonye, vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba, vyerekana ko ubwo bwami buzoba butagira ubumwe; ariko buzoba burimwo ubushobozi nk’ubw’icuma, nk’uko wabonye icuma cari kivanze n’ibumba.42Ariko nk’uko mu mano igice kimwe cari kigizwe n’icuma ikindi kigizwe n’ibumba, ubwo bwami hamwe buzoba bufise inkomezi, ahandi buzoba bufise intege nke.43Kandi nk’uko wabonye icuma cari kivanze n’ibumba, ni ko abantu b’ubwo bwami bazogerageza kugiriranira amasezerano yo kwifatanya. Ariko kurya icuma bidashobora gufatana neza n’ibumba, ni ko bitazokunda ko bwifatanya.
44Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw’ijuru izokwihagurukiriza ubwami butazokwigera burangira canke ngo bukurweho n’ubundi. Buzorandura ubwo bwami bwose buburangize, ariko bwo buzokwamaho ibihe bidashira.45Insobanuro y’ivyo ni ibuye wabonye riva ku musozi kandi ridatewe n’ukuboko kw’umuntu n’umwe, rikikubita kuri ca gishusho, rikamenagura icuma, umwakaka, ibumba, ifeza n’inzahabu.
Imana ihambaye yeretse umwami ibizoba mu gihe kiri imbere. Iyo ndoto ni iy’ukuri kandi insobanuro yayo ni iyo kwizerwa.”
46Umwami Nebukadineza aca yikubita hasi yubamye imbere ya Daniyeli, amuha icubahiro cinshi, atanga itegeko ngo bamubagire ibimazi bongere bamuturirire ibimota neza.47Umwami abwira Daniyeli ati: “Ni ukuri, Imana yawe ni yo Mana iri hejuru y’ivyitwa imana vyose, iganza abami bose igahishura ibihishijwe, kuko washoboye guhishura iryo banga.”
48Hanyuma umwami aca aha Daniyeli ikibanza c’icubahiro, amuha n’ubundi bushimwe bwinshi, amuha kuganza abahanuzi b’umwami bose bo mu ntara ya Babiloni.49Vyongeye, abisabwe na Daniyeli, umwami aha Shadarake, Meshake na Abedinego gutegeka intara yose ya Babiloni. Daniyeli we aguma ku kirimba i bwami.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e