Daniyeli1

Daniyeli ajanwa i Babiloni

1Mu mwaka ugira gatatu umwami Yehoyakimu w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Nebukadineza umwami w’i Babiloni yaja gutera i Yerusalemu arahugariza.2Umwami Imana amuha kunesha Yehoyakimu umwami w’i Buyuda kandi yemera ko na bimwe mu bikoresho vyejejwe vyo mu Ngoro y’Imana abinyaga. Nebukadineza abitwara i Babiloni abishira mu nzu y’imana yiwe.
3Hanyuma umwami ategeka Ashipenazi, umukuru w’abakozi bo ku kirimba iwe, kumuzanira bamwe bo mu Bisirayeli bakomoka mu miryango y’abami n’iy’abubahwa,4abasore b’amagara meza, b’akaranga, bashoboye kwiga ningoga, bafise impano y’ubwenge no gutahura kandi bashoboye gukora ku kirimba i bwami. Yategerezwa kubigisha ururimi n’ivyanditswe vy’i Babiloni.5Umwami ategeka ko babagaburira ku vyo asanzwe afungura, bakanywa no ku muvinyu asanzwe anywa. Bategerezwa kumara imyaka itatu bigishwa, hanyuma bagaca batangura gukora i bwami.
6Mu basore bahisemwo, harimwo Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya, bose bava i Buyuda.7Umukuru w’abakozi b’i bwami abaha ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shadarake, Mishayeli amwita Meshake, Azariya na we amwita Abedinego.
8Maze Daniyeli agira imigabo yo kutihumanisha ivyokurya n’umuvinyu vy’umwami, aca asaba umukuru w’abakozi b’i bwami ngo amwemerere kutavyihumanisha.9Imana iha Daniyeli gutona no gukundwa n’uwo mukuru w’abakozi b’i bwami.10Ariko abwira Daniyeli ati: “Umwami databuja ni we yategetse ivyo murya n’ivyo munywa. Niyabaraba agasanga muronze ntimusa n’abandi basore mungana, ndatinya ko azonca umutwe.”
11Nuko Daniyeli aca avugana n’uwari abajejwe, uwo umukuru w’abakozi b’i bwami yari yahaye igikorwa co gukurikirana Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya, amubwira ati:12“Turagusavye utugerageze imisi cumi, utureke turye imboga, tunywe n’amazi.13Inyuma y’iyo misi uzorabe ingene tuzoba dusa utugereranije n’abandi basore barya ivyokurya vy’umwami. Hanyuma uzotugenze uko uzoba ubona bikwiye ukurikije ivyo uzoba wabonye.”14Uwo yari abajejwe aravyemera, aca afata imisi icumi yo kubageza.
15Iyo misi icumi iheze, Daniyeli na bagenziwe baboneka bavyibushe, bafise amagara meza kandi basa neza kurusha ba basore bandi barya ivyokurya vy’umwami.16Kuva ico gihe, umwe abajejwe aca abemerera kwama barya imboga, ntiyongera kubahatira ku vyokurya n’umuvinyu bari bategekanirijwe.
17Imana iha abo basore bane kumenya no gutahura inyandiko z’uburyo bwinshi kandi zitandukanye no kugira ubwenge. Daniyeli we yarashobora gutahura no gusobanura ivyahishuwe mw’iyerekwa n’indoto z’uburyo bwose.
18Igihe co kwiga cashinzwe n’umwami kirangiye, wa mukuru w’abakozi b’i bwami ajana ba basore imbere ya Nebukadineza.19Umwami avugana na bo bose, ariko nta n’umwe yabonetse anganya ubwenge na Daniyeli, na Hananiya, na Mishayeli na Azariya. Nuko baca bakora ku kirimba i bwami.20Igihe cose umwami ababajije ikintu ico ari co cose cerekeye ubwenge no gutahura, yama asanga barusha abanyamareba n’abapfumu bose bo mu bwami bwiwe incuro icumi.
21Nuko Daniyeli aguma akorera ku kirimba i bwami kugeza mu mwaka wa mbere w’ingoma y’umwami Kuro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e