3 Yohana1
1Jewe umutama w’ishengero,
Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.2Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko umushaha wawe umerewe.3Naranezerewe cane igihe bamwe muri bene Data baza bakambwira ingene uri umwizigirwa kandi ugendera mu kuri.4Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.5Mugenzi nkunda, werekana ubwizigirwa mu vyo uriko urakorera bene Data, naho ari abanyamahanga kuri wewe.6Na bo bashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze ubandanye ubashigikira mu vyo bakeneye mu buryo bunezereza Imana,7kuko bafashe urugendo bakorera izina rya Kristo, kandi ntibemeye gufashwa n’abatizera.8Dutegerezwa kwakira n’umutima mwiza abantu nk’abo kugira ngo dufatanye na bo gukorera ukuri.9Narandikiye ishengero; ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere, ntiyemera ikibanza cacu nk’abarongozi.10Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.11Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.12Demetiriyusi avugwa neza na bose, nk’uko ukuri na kwo kumushingira intahe. Natwe tumuvuga neza kandi urazi ko intahe yacu ari iy’ukuri.13Mfise vyinshi nshaka kukubwira, ariko sinshaka kubikwandikira.14Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.15Amahoro abane na we.
Abakunzi turi kumwe barakuramutsa. Undamukirize abakunzi muri kumwe, umwe wese ku giti ciwe.

Biblica, Inc.