Ivyahishuwe1
Intangamarara n’indamukanyo
1Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,2na we ashingira intahe ivyo yabonye vyose bijanye n’ijambo ry’Imana n’intahe ya Yesu Kristo.3Hahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi hahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.4Jewe Yohana,Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya:
Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji yiwe,5no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe.
Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.6Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.7“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona;n’abamucumise bazomubona,”kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.8“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”
Yohana yerekwa Kristo
9Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga ryitwa Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.10Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,11riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”12Mpindukiye ngo ndabe uwuriko aramvugisha, nca mbona ibiterekwako amatara indwi bikozwe mu nzahabu,13kandi hagati muri vyo hari hahagaze uwusa n’Umwana w’Umuntu, yambaye ikanzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza.14Umushatsi wiwe warera derere; amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro.15Ibirenge vyiwe vyasa n’umwakaka wavugutiwe mw’itanure, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’amazi menshi asuma.16Mu kuboko kwiwe kw’i buryo yari afise inyenyeri indwi, kandi mu kanwa kiwe havamwo inkota y’ubugi bubiri ikarishe. Mu maso hiwe harakayangana nk’izuba ryo ku murango.17Ndamubonye nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe nk’uwupfuye. Ariko aca anshirako ikiganza c’i buryo ambarira ati: “Ntutinye. Ndi Uwa Mbere kandi ndi Uwa Nyuma.18Ndi Uwuriho, nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.19Wandike rero ivyo wabonye vyose, ibiriko biraba n’ibiza gukurikira.20Iyi ni yo nsiguro y’ibanga ry’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.Biblica, Inc.