Ezekiyeli5
Urubanza rw’Imana
1Mwana w’umuntu, fata inkota ikarishe cane, uyikoreshe nk’urwembe, wiharangure umutwe, wimwe n’ubwanwa. Hanyuma ufate uwo mushatsi uwugaburemwo ibice bitatu hanyuma ufate umunzane upime ivyo bice bitatu bingana.2Maze imisi yawe yo kwugariza igisagara niyahera, uzoturirire mu gisagara igice kimwe c’umushatsi, ikindi ca gatatu ugicagaguze inkota, uzungurutse igisagara cose, ikindi na co ugishwiragize mu muyaga, kuko nzoshwiragiriza abantu banje n’inkota.3Ariko ufate umushatsi mukeya uwupfundike ku mutamana wawe.4Maze wongere ufate udushatsi dukeya kuri wo, uduterere mu muriro dushe duherengetere. Umuriro uzova muri two uzodomeka inzu ya Isirayeli yose.5Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: ‘Uku ni ko bizogendera Yerusalemu, igisagara nashize hagati y’amahanga, ndagikikuza amahanga menshi.6Ariko caragararije ivyagezwe n’amabwirizwa vyanje gusumvya ayandi mahanga yose agikikuje. Cataye ivyagezwe vyanje, canka gukurikiza amategeko yanje.’7Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuze ati: ‘Mwangararije gusumba ayandi mahanga yose, mwanka gukurikiza amabwirizwa yanje no kugendera mu vyagezwe vyanje, mbere ntimwashoboye no gushika ku rugezo amahanga abakikuje ariko.8Kubera ivyo, Uhoraho Nyeninganji avuze ati: Jewe ubwanje mbaye umwansi wawe, ewe Yerusalemu, kandi nzoguhanira ku mugaragaro, amahanga arorera.9Kandi kubera ibigirwamana vyawe vyo kwankwa urunuka, biri muri wewe, nzoguhana uko ntigeze mpana, kandi uburyo ntazosubira guhana.10Ku bw’ivyo muri mwebwe abavyeyi bazorya abana babo, abana barye abavyeyi babo. Nzobahana, kandi amasigarira yo muri mwebwe nzoyasanzaza atwarwe n’umuyaga.’11Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuze ati: ‘Indahiro ni jewe nyene, ko mwahumanishije Ingoro yanje ibishushanyo vyanyu hamwe n’ibizira mukora, jewe ubwanje nzobakurako ubuntu bwanje, kandi nta n’umwe nzogirira imbabazi ngo ndamukingire.12Ica gatatu c’abantu bawe bazokwicwa n’akaranda canke bicwe n’inzara; ikindi ca gatatu kizomarwa n’inkota ivuye inyuma y’igisagara canyu, ikindi na co gishwiragizwe n’umuyaga, bakurikirwe n’inkota, ibamare.13Ishavu ryanje rizoheza risubire hasi, kandi uburake bwanje buturure, kuko nzoba nihoye. Ninamara kubasukako uburake bwanje, bazomenya ko jewe Uhoraho navuganye uburake.14Nzokugira umusaka n’akajoreza ku banyamahanga bagukikuje, no mu maso y’abahita.15Uzoba igitutsi n’agatwengo, akarorero kabi n’akajoreza mu mahanga agukikuje, ninagucira urubanza mu burake, nkagukankamirana umujinya mwinshi, ni jewe Uhoraho ndabivuze.16Ninakurasisha umwampi wanje wica ugatikiza, ari co kigoyi, nzoba ndawurashe kugira ngo ndakurandure. Nzokugwizako ikigoyi, nzibire n’ahazanana ivyokurya hose.17Nzokurungikira inzara n’inyamaswa zo mw’ishamba, kandi zizosiga utagira ikibondo. Ivyago n’ugusesa amaraso bizogukubura, kandi nzozana inkota kuri wewe. Ni jewe Uhoraho mbivuze.’ ”Biblica, Inc.