Zaburi112
1Himbaza Uhoraho.Hahiriwe abubaha Uhoraho,bakanezerererwa amabwirizwa yiwe.2Abana babo bazoba abanyenkomezi mu gihugu;urunganwe rw’abatunganye ruzogira umugisha.3Ubutunzi n’ibitayega biri mu mazu yabo,kandi ukugororoka kwabo kwamaho ibihe bidashira.4No mu mwijima umuco uzotambika ku batunganye,ku banyabuntu buzuye imbabazi bagororoka.5Ni vyiza ko umuntu agira ubuntu akagurana abandi,akadandaza mu kuri.6Ni ukuri abagororotsi ntibazokwigera banyiganyizwa;bazokwibukwa ibihe vyose.7Ntibazotinya inkuru mbi;imitima yabo irashikamye, kuko bizigiye Uhoraho.8Imitima yabo iri amahoro, ntibazotinya;kw’iherezo bazokwibonera ukuneshwa kw’abansi babo.9Batanze isabagire ku bakene,ukugororoka kwabo kwamaho ibihe bidashira;ihembe ryabo rizoshirwa hejuru mu cubahiro.10Abanyakibi bazobibona bababare,bazohekenya amenyo baherengetere;ivyo abanyakibi bipfuza nta co bizoshikako.
Biblica, Inc.