Tito2

Gukora ivyiza ku bw’Ubutumwa Bwiza

1Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri.2Wigishe abatama kutarenza urugero mu kintu na kimwe, kuba inyankamugayo, kuganza ingeso zabo, kuba bazima mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana.
3Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.4Bigishe abagore bakiri bato gukunda abagabo babo n’abana babo,5kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.
6Abakiri bato na bo ubahimirize kuganza ingeso zabo.7Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigirwa no kudafata ibintu minenegwe.8Amajambo yawe abe ay’ukuri, atagiramwo umugayo, kugira ngo abakugwanya baze bamaramare, babure ikibi batuvugako.
9Wigishe abagurano kwubaha ba shebuja muri vyose, barondere kubanezereza, birinde kubahaririza,10kandi ntibabibe, ariko berekane ko bashobora kuba abizigirwa rwose; gutyo bazotuma inyigisho z’Imana, yo Mukiza wacu, zirukirwa n’abantu mu buryo bwose.
11Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.12Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,13turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.14Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.
15Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimirize kubikora kandi ukosore abatabikora, wishimikije ububasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugukengera.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e