Ivyahishuwe8
Ikimenyetso c’indwi
1Yuguruye ikigira indwi, haca haba agacerere mw’ijuru kamara nk’igice c’isaha.2Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.3Haca haza uwundi mumarayika afise ico gutuririramwo ibimota neza gikozwe mu nzahabu, ahagarara imbere y’igicaniro; aca ahabwa ibimota neza vyinshi abivanga n’amasengesho y’abera kugira ngo abitange ku gicaniro gikozwe mu nzahabu cari imbere y’intebe y’inganji.4Umwotsi w’ibimota neza n’amasengesho y’abera biraduga bishika imbere y’Imana bivuye mu biganza vya wa mumarayika.5Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera kw’isi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.Inzamba
6Ba bamarayika indwi bafise inzamba baca baritegura kugira ngo bazivuze.7Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.8Umumarayika wa kabiri avugije inzamba yiwe, ikintu kimeze nk’umusozi waka umuriro, gitabwa mu kiyaga. Maze ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso,9ica gatatu c’ibiba mu kiyaga bica birapfa, n’ica gatatu c’ubwato burasambuka.10Umumarayika wa gatatu avugije inzamba yiwe, ikinyenyeri kinini caka nk’itara kirakoroka kivuye kw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi n’amasoko y’amazi.11Izina ry’ico kinyenyeri ni Mururazi. Maze ica gatatu c’amazi yose aca ahinduka umururazi, kandi abantu benshi banyoye ayo mazi y’umururazi barapfa.12Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.13Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”Biblica, Inc.