Ivyahishuwe9

1Umumarayika wa gatanu avugije inzamba yiwe, nca mbona inyenyeri ikorokeye hasi ivuye kw’ijuru. Iyo nyenyeri ica ihabwa urupfunguruzo rw’icobo kijana i kuzimu.2Yuguruye ico cobo, haca hapfunduka umwotsi umeze nk’uw’itanure rinini, maze izuba n’ikirere bica bitakaza umuco wavyo kubera uwo mwotsi.3Muri uwo mwotsi haca havamwo inzige zimanuka kw’isi, zihabwa ububasha nk’ubwa sikoropiyo zo kw’isi.4Nuko izo nzige zitegekwa kutonona ivyatsi, ibiterwa canke ibiti, ariko zitegekwa kubabaza ababa kw’isi bose badafise ikimenyetso c’Imana ku ruhanga.5Izo nzige zihabwa ububasha bwo gutoteza abantu amezi atanu, ariko ntizemererwa kubica. Umubabaro zatera wari umeze nk’uwo umuntu agira iyo akomowe na sikoropiyo.6Muri iyo misi abantu bazorondera urupfu ariko ntibazoruronka; bazokwipfuza gupfa, ariko urupfu ruzobahunga.
7Izo nzige zari zimeze nk’amafarasi yiteguriye kuja ku rugamba. Ku mitwe zari zambaye igisa n’urugori rw’inzahabu, kandi mu maso hazo hari hameze nk’ah’abantu.8Imishatsi yazo yari imeze nk’iy’abagore, amenyo yazo na yo yari ameze nk’ay’intambwe.9Mu bikiriza zari zambaye ivyuma vyo kuzikingira, kandi amababa yazo yavuza urwamo nk’urw’imikogote myinshi ikwegwa n’amafarasi aja ku rugamba.10Zari zifise imirizo ikomora nk’iya sikoropiyo kandi ububasha bwo kubabaza abantu amezi atanu bwari mu mirizo yazo.11Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.
12Icago ca mbere kiraheze. Ariko hari bibiri bigiye kuza vuba.
13Umumarayika wa gatandatu avugije inzamba yiwe, nca numva ijwi rivuye mu mahembe ane y’inzahabu ari ku gicaniro kiri imbere y’Imana,14ribwira wa mumarayika wa gatandatu yari afise inzamba riti: “Rekura abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurata.”15Nuko ba bamarayika bane bararekurwa. Bari bateguriwe iyo saha, uwo musi, uko kwezi, uwo mwaka nyene, kugira ngo bice ica gatatu c’abantu bari kw’isi.16Nuko nca mbwirwa ko igitigiri c’abasoda bagwanira ku mafarasi kingana imiliyoni amajana abiri.
17Ndiko nderekwa, mbona ayo mafarasi n’abayagenderako. Bari bitwaje inkinzo zitukura, izisa n’ubururu, hamwe n’izisa n’umuhondo. Ayo mafarasi yari afise imitwe nk’iy’intambwe, kandi mu kanwa hayo havayo umuriro, umwotsi n’ibizuku.18Nuko ica gatatu c’abari kw’isi bicwa n’ivyago bitatu: umuriro, umwotsi n’ibizuku vyava mu kanwa k’ayo mafarasi.19Ububasha bw’ayo mafarasi bwari mu kanwa no mu mirizo vyayo; kuko imirizo yayo yari ifise imitwe nk’iy’inzoka kandi yari ifise ububasha bwo gukomeretsa abantu.
20Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mwakaka, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.21Ntibigeze kandi bihana ubwicanyi, amareba, ubusambanyi n’ubusuma.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e