Yobu40

1Uhoraho abarira Yobu ati:2“Mbega umunyabihari yoharira n’Iyishoboravyose?Uwuhaririza Imana niyishure!”
3Maze Yobu aca yishura Uhoraho ati:4“Mbega jewe umuntu ata co maze, nokwishura iki?Nshize ikiganza ku munwa.5Naravuze ayakwiye,ubu nta co mfise mvuga.”
6Maze Uhoraho avuganira na Yobu mu gihuhusi, ati:7“Hagarara wemye nk’umugabo w’umuhizi;ngiye kukubaza,maze nawe unyishure.
8Ugomba guhindura ubusa imanza zanje?Ugomba kunyegekako amakosa kugira ngo wiyerekane ko ugororotse?9Mbega unganya ukuboko n’Imana?Ijwi ryawe ryoturagara nk’iryayo?10Niwisakare ubwiza n’ubukuru,wambare icubahiro n’igitinyiro.11Rekura ukuraka kw’ubushangashirwe bwawe,wihweze abibona bose ubacishe bugufi.12Ihweze uwishize hejuru wese umucishe bugufi,inkozi y’ikibi uyifyonyorere aho ihagaze.13Bahambe mw’ivu bose hamwe.Amaso yabo uyapfukirire i kuzimu.14Ni ho nanje nzokwemerako ukuboko kwawe kwoshobora kugukiza.
15Niwitegereze imvubu,iyo naremye nk’uko nakuremye.Irisha ubwatsi nk’inka.16Inkomezi zayo ziri mu mafyigo yayo,n’ububasha bwayo buri mu mitsi yo mu nda.17Umurizo wayo udadaraye nk’isederi,imitsi yo ku matako yayo irasobanganye nk’ikijishano gikomeye.18Amagufa yayo ameze nk’imiringoti y’umwakaka,amaguru n’amaboko yayo akomeye nk’inkoni z’ivyuma.19Mu vyaremwe n’Imana vyose, ni ica mbere gitangaje cane,umuremyi wayo wenyene ni we yoyitera ubwoba.20Imisozi iyimereza ivyokurya,aho ibindi bikoko vyo mw’ishamba vyose bikinira.21Iryama musi y’ibitiyihishije mu marenga yo mu nzuzi.22Ibiti biyiha igitutu,ibimera ku nkengera z’amazi bikayikikuza.23Iyo uruzi rusuriranye ntihagarika umutima,naho Yorodani rwosesera mu munwa wayo ntiyotinya.24Mbega hari uwoyifata ikanura,canke hari uwoyita mu mutego ngo ayitobore izuru?”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e