Yeremiya9
1Ese icompa umutwe wanje ukaba nk’isoko y’amazin’amaso yanje akaba imiringoti y’amosozi!Norira ku murango no mw’ijorokubera abantu banje bariko barasogotwa.2Ese icompa nkaba mfise mu bugaragwainzu y’ingenzi,kugira ngo mve muri bano bantu banjenje kure yabo;kuko bose ari abasambanyi,igugu ry’abantu bataye ubwizigirwa.3“Bafora indimi zabonk’umuheto, kugira ngo barase ibinyoma;si kubera ukuri kwabobatera imbere mu gihugu.Kuko bava mu caha kimwe bakaja mu kindi;kandi ntibamenye jewe,”ni ko Uhoraho avuze.4“Mwirinde abagenzi banyu;ntimwizigire umuntu n’umwe wo mu nzu iwanyu.Kuko umwe wese muri bo ari umusukanyi,kandi umugenzi wese akaba uwuvuga abandi nabi.5Umugenzi abesha mugenziwe,kandi nta n’umwe avuga ukuri.Bigishije indimi zabo kubesha;kandi biremereje ugucumura.6Uba hagati mu bubeshi;kandi mu bubeshi bwabo banka kumenya jewe,”ni ko Uhoraho avuze.7Nuko rero uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:Raba, nzobavugutira ndabapime,kuko ikindi nokora ni igikikubera icaha c’abantu banje?8Ururimi rwabo ni umwampi uriko ubumara;ruvuga ivyo guhendana.Mu kanwa kabo bose bavugana neza n’ababanyi babo,ariko mu mitima yabo bakabatega imitego.9Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira?Ni ko Uhoraho abaza.Mbega sinkwiye kwihoraabantu nk’abo?10Nzorira mboroge ndirira imisozikandi nzocura intimba kubera uburagiro bwo mu bugaragwa.Ni agahinga katagendwa,kandi nta jwi ryo kwabira kw’amasho ryumvikana.Inyoni zo mu kirere zose zarahunzen’ibikoko vyaragiye.11Nzohindura Yerusalemu ikigunguzi c’isakamburira,ihuriro ry’imbwebwe;mpindure imisaka ibisagara vy’i Buyuda.Gushika aho ata n’umwe ashobora kuhaba.12Ni nde w’umunyabwenge ashobora gutahura ibi? Ni nde yigishijwe n’Uhoraho ku buryo ashobora kubisobanura? Ni kuki igihugu casambuwe kigahinduka umusaka nk’ubugaragwa ata wokwubahuka gucamwo?13Uhoraho aravuze ati: Ni kubera bateye ibitugu ivyagezwe vyanje, ivyo nari narabashize imbere; ntibanyumviye canke ngo bitondere Ivyagezwe vyanje.14Ahubwo bakurikiye ugukomantara kw’imitima yabo; bakurikiye za Bayali, nk’uko ba sekuruza babo babigishije.15Ni co gituma Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze ati: Raba, nzorisha iri hanga indya zirura banywe n’amazi arimwo ishano.16Nzobasanzariza mu mahanga batigeze bamenya, baba bo canke ba sekuruza, kandi nzobakurikiza inkota gushika ndabahoneje.17Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:Nimwiyumvire neza rero!Nimutumeko abagore bazi kurira baze.Tumako abazi kuririra abapfuye kurusha abandi bo muri bo.18Nibaze bihutakugira ngo batuborogerekugeza aho amaso yacu acunduguta amosozikandi imigezi itembe iva mu bigohe vyacu.19Ijwi ryo kuboroga rirumvikana i Siyoni, riti: Ehe ukuntu dusambaguritse!Ehe ukuntu twuzuye ibimaramare!Dutegerezwa kuva mu gihugu cacukuko amazu yacu ari imisaka.20None rero, yemwe bagore, nimwumve ijambo ry’Uhoraho;mubangire amatwi yanyu amajambo yo mu kanwa kiwe.Mwigishe abakobwa banyu kuboroga;mwigishanye gucura intimba.21Urupfu rwuriye ruca mu madirishamaze rwinjira mu bisagara bizitijwe inzitiro;rwamaze gukura abana mu mabarabaran’abasore rwabamariye aho bahora bagandagaje.22Nimuvuge muti: Uku ni ko Uhoraho avuze:Imivyimba y’abantu izokwandagara hasink’uko amase amera mu mirima,nk’imishi y’ingano inyuma y’uwimbura,ata n’umwe wo kuyegeranya.23Uku ni ko Uhoraho avuze:Umunyabwenge ntiyirate ubwenge bwiwecanke umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwecanke umutunzi ngo yirate ubutunzi bwiwe,24ariko uwirata wese yirate ibi:ko yamenye, akantahurako ndi Uhoraho, nkerekana ukugira neza,ngaca imanza zibereye kandi ngakora mu bugororotsi kw’isi,kuko ivyo ari vyo bimpimbara,ni ko Uhoraho avuze.25Imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzohana abakebwe ku mubiri gusa,26Egiputa, Ubuyuda, Edomu, Amoni, Mowabu n’ababa mu bugaragwa bose mu bihugu vya kure. Kuko abo bose batakebwe vy’ukuri, kandi mbere n’ab’inzu ya Isirayeli ntibakebwe mu mitima yabo.
Biblica, Inc.