Yeremiya8

1‘Muri ico gihe,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘amagufa y’abami n’abaganwa b’i Buyuda, ay’abaherezi n’ay’abavugishwa n’Imana, hamwe n’ay’abantu b’i Yerusalemu bose, azozurwa akurwe mu mva zayo.2Azokwanikirwa ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri zose zo kw’ijuru; ibigirwamana bakunze bakabikorera kandi ivyo bakurikiye, bakabisiguza, mbere bakanabisenga. Ntazokwegeranywa ngo asubire ahambwe, ahubwo azomera nk’amase ashanjwe kw’isi.3Aho nzobirukanira hose, abantu b’amasigarira bazoba barokotse bo muri iri hanga rikora ibizira bazohitamwo gupfa kuruta kubaho, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.’

Icaha n’igihano

4Babwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze:Iyo abantu baguye hasi, mbega ntibavyuka?Canke iyo umuntu ataye inzira, mbega ntagaruka?5None ni kuki aba bantu banteye ibitugu?Mbega ni kuki ab’i Yerusalemu bamvuyeko?Bumiye ku majambo y’uruhendo;baranse kugaruka.6Narabumvirije neza,ariko ntibavuga ibigororotse.Nta n’umwe yihana ububi bwiwe,ngo avuge ati: “Ibi nakoze ni ibiki?”Umwe wese ajana inzira yiwe ubwiwenk’ifarasi igiye mu ntambara.7Mbere n’agasoza kari mu kirerekarazi ibihe kashingiwe,kandi n’inuma, intamba n’umusambibikurikiza ibihe vyo kuva ahantu bija ahandi.Ariko abantu banje ntibaziivyo Uhoraho ashaka.
8Ni kuki muvuga muti: “Turi abanyabwenge,kuko dufise Ivyagezwe vy’Uhoraho,”kandi ikaramu y’ikinyoma y’abanyabwenge b’ivyanditsweyarabihinduye ikinyoma?9Abanyabwenge bazomaramara;bazoterwa n’ubwoba kandi bazofatwa mu mutego.Ko bataye ijambo ry’Uhoraho,bafise ubwenge nyabaki?10Ni co gituma nzotanga abagore babo nkabaha abandi bagabon’amatongo yabo nkayaha abandi.Kuva ku muto gushika ku mukuru,bose bafise umunoho w’amaronko; kandikuva ku muvugishwa gushika ku muherezi,bose ni abanyabinyoma.11Bavura igikomere c’abantu banjenk’aho kitababaje;bakavuga ngo: “Ni amahoro, ni amahoro,”kandi ata mahoro ariho.12Mbega none boba bamaramazwa n’inyifato yabo igayitse?Oya na mba nta soni bafise;mbere ntibazi no kumaramara ico ari co.Ni co gituma bazogwa aho abandi baguye;bazotemba igihe nzoba ndiko ndabahana,ni ko Uhoraho avuze.
13Nzotwara ivyimburwa vyabo,ni ko Uhoraho avuze.Nta nzabibu zizokwama ku mizabibu.Nta nsukoni zizokwama ku misukoni,kandi amababi yavyo azokabirana.Ivyo nabahayebazovyakwa.’ ”
14Ni kuki twicaye hano?Nimwegerane!Reka duhungire mu bisagara bizitijwe inzitiromaze duhonereyo!Kuko Uhoraho Imana yacu yaduciriye urwo gupfamaze akaduha amazi arimwo uburozi ngo tuyanywe,kuko twamucumuyeko.15Twari twizigiye amahoroariko nta ciza catujeko,twari twiteze igihe co gukizaariko twabonye ibidutera ubwoba gusa.16Imirindi y’amafarasi y’umwansiyumvikanira i Dani;umurindi w’ibinono vyayobinyiganyije igihugu cose.Baraje gukomvomvoraigihugu n’ibiri muri co vyose,igisagara n’abari muri co bose.
17“Raba, nzorungika inzoka z’ubumara muri mwebwe,incira zidashobora kugundwa,kandi zizobakomora,”ni ko Uhoraho avuze.
18Yewe wewe undemesha mu mibabaro,umutima wanje ucikiye intege muri jewe.19Umve uko abantu banje bariko baraborogabari mu gihugu ca kure:bati: “Mbega Uhoraho ntari i Siyoni?Mbega Umwami waho ntakiriho?”“Ni kubera iki banteye ishavu bakandakisha ibishushanyo vyabo,n’imana zabo zidashoboye z’inyamahanga?”
20“Iyimbura riraheze,ici rirarangiye,kandi natwe ntitwakize.”
21Ko abantu banje bamenaguwe, nanje ndamenaguwe;ndagandaye, kandi nishwe n’agahinda.22Mbega i Gileyadi nta muti wo gusomora uriyo?Nta muganga ariyo?None ni kuki ata gukirakw’igikomere c’abantu banje?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e